Guhunga Afghanistan: 'Abagore barapfunzwe, inkozi z'ikibi ziridegemvya'

    • Umwanditsi, Na Claire Press
    • Igikorwa, BBC World Service

Igihe Afghanistan yafatwa n'aba-Taliban, amajana y'abacamanza b'abagore baciye binyegeza. Aba-Taliban buguruye amabohero mu gihugu cose, barekuza abantu abo bacamanza bari bapfungishije.

26 muri abo bagore baherutse guhungira mu Bugiriki, BBC yagiyeyo ngo bavugane. Ku mvo z'umutekano wabo, amazina yabo yarahinduwe.

Hafi y'isasita z'ijoro, terefone iravuze. Abonye ko ahamagawe n'abari aho bumvikanye guhurira, harageze kugenda.

Mw'ikanzu ya ki-Islam yirabura iva ku mutwe igashika ku birenge, umucamanza Sana yaciye afata ibarabara, abana biwe babiri bakiri bato umwe hirya uwundi hino yiwe. Umwe wese yari afise ivarisi imwe gusa, irimwo imyambaro ibiri y'impuzu, passport, terefone, amafaranga, n'ivyo kurya bashobora gutwara bazogenda bararya muri urwo rugendo.

Sana yibuka ati: "Igihe twahagaruka, ntitwari tuzi iyo turoye. Twabwiwe ko twashobora guhura n'ibibazo vy'umutekano mu nzira, ariko twaravyemeye vyose kuko twari tuzi ko ata bundi buryo twari dufise bwo kuhava."

Imodoka yaciye iza kubajana we n'abana biwe. Ariko arayurira, Sana yarahindukiye araba igisagara yavukiyemwo, akuriramwo yongera aronkeramwo umuryango wiwe. Amahirwe yo kurorokoka yari asigaye mu minwe y'abantu atazi bariko barafasha muri ico gikorwa co kuva mu gihugu. Nta ciyumviro c'iyo bariko baraja yari afise, ico yari azi gusa n'uko batari kuguma ngaho.

Yavuze ati: "Cabaye igihe ca mbere kibi mu buzima bwanje, ndavye abana banje turiko turahunga. Nari nihebuye cane. Naguma nibaza niba nzoshobora kubasohokana imbibe za Afghanistan bakiri bazima."

Sana avuga ko mu mezi atatu ya mbere yagumye ahigwa n'abagabo yari yaraciriye urubanza rwo gupfungwa ku vyaha bikomeye cane bari bakoreye abagore. Aba-Taliban bagiye barugurura amabohero uko bagenda barigarurira intara mu gihugu, bagaca barekura ibihumbi n'ibihumbi vy'inkozi z'ikibi kugira baje kwihora abari babapfungishije.

Sana avuga ati: "Nakoze muri sentare yaca imanza z'ivyaha bitandukanye, harimwo kwica, kwiyahura, gusambanya ku nguvu, n'ibindi vyaha bisobekeranye. Ibihano natanga vyari birebire kandi bikomeye.

"Ariko bamaze kurekurwa bose, umwe umwe muri bo yatubwira ati: "Tuzobica turamutse tubabonye."'

Amatohoza ya vuba ya BBC yatoye ko abacamanza b'abagore barenga 220 babaho binyegeje kuko batinya kuzira ivyo bakoze ubu hatwara aba-Taliban. Bavugira aho binyegeje muri Afghanistan, benshi muri abo bagore bavuga ko baronka ubutumwa bwo kugabishwa kwicwa buri munsi.

Mu kugira ico avuze kuri iyo myidogo, umunyamabanga w'umuvugizi w'aba-Taliban Bilal Karimi yabwiye BBC ati: "Abacamanza b'abagore bakwiye kubaho nk'abandi bose ata bwoba. Nta n'umwe akwiye kubatera ubwoba. Inzego zidasanzwe za gisirikare zitegerezwa gukora amatohoza kuri bene iyo myidogo hanyuma zigakora igikenewe zisanze hari uwo uburenganzira bwiwe bwahoyanzwe".

Karimi yongeye kwibutsa ico aba-Taliban biyemeje co "gutanga ikigongwe rusangi" ku bakozi ba reta bose muri Afghanistan yose.

Ariko Sana avuga ko aya mezi aheze yabaye iminsi mibi cane.

Avuga ati: "Twaguma duhindura aho turara buri minsi ibiri canke itatu, tuva kuri iri barabara, tuja aho batunyegeza canke mu mahoteri."

"Nitwashobora gusubira i muhira. Inzu yacu yari yamaze gufatwa."

Barahungishijwe

Avuga ko bamaze kuva aho bumvikanye ko babahitana, Sana n'abana biwe baciye bakomeza iyo ntambwe ya mbere y'urugendo rwabo mw'ibarabara. Baciye mu bugaragwa nk'ikiringo c'amasaha 10, batigeze baryama. Buri gice c'isaha bashika kuri bariyeri y'aba-Taliban aho abantu bafise ibigwanisho basuzuma abafashe urugendo.

Sana yaguma ahendagiza umwana wiwe muto muri urwo rugendo rwose, avuga ko atibaza ko bari kururangiza bakiri bazima.

Avuga ati: "Iyo bamenya ko nari umucamanza, bari guca batwica ubwo nyene," aca raduka ararira. Sana kenshi yaraciye imanza aho abagore biyica ubwabo kubera uguhohoterwa n'abagabo babo.

"Iminsi yose naguma nibaza ryari hagera ko umugore ahitamwo kwiyahura? Ariko aho ntanguriye kwihebura, nanje narashitse aho numva ko niteguriye kwiyahura."

Bamaze kujabuka ubugaragwa ataco babaye, Sana n'abana biwe baciye bamara indwi mu nzu bihishije gushika aho bajanwa ku kibuga c'indege.

Avuga ko indege imaze guhaguruka, abantu bose bari muri yo baciye baduka bararira. Amaherezo bari basohotse igihugu.

Ubuhungiro

Bamaze gushika Athenes, abo bacamaza bose uko ari 26 baciye bapimwa Covid -19 imbere y'uko bajanwa mu mazu atandukanye hirya no hino mu gisagara. Ku ruhusha mfatakibanza rwo kuba muri ico gihugu bahawe, bemerewe guhabwa ivyo kurya n'aho kurara, ivyo bakabihabwa n'abategetsi b'Ubugiriki bafatanije n'amashirahamwe atandukanye y'abagiraneza, mu kiringo c'iminsi 14.

Ingene vyari kugenda iyo minsi iheze, ntawari abizi. Abo bacamaza bagiriwe inama yo gutangura gusaba ubuhungiro mu kindi gihugu.

Mu baciye basaba ubuhungiro mu Bwongereza harimwo Asma. Ku burambe bw'imyaka 25 mu kazi k'ubucamanza muri Afghanistan, ubu ntibwari bwo bwa mbere ahunze aba-Taliaban.

MU 1996, igihe uwo mugwi wafata ubutegetsi ubwatse ingabo z'aba Soviet zari zitaye zikomoka, Asma n'umuryango wiwe barahunze igihugu.

Avuga ati: "Ubu bugira kabiri tubona aba-Taliban bigaruriye ubutegetsi. Nari umucamanza igihe bashika ku butegetsi ubwa mbere."

"N'ico gihe, abacamanza b'abagore nibo babaye aba mbere mu guhigwa".

Aho haziye abasirikare ba OTAN na Amerika, Asma yarasubiye mu gihugu yongera gukora akazi k'ubucamanza. Gushika aho mu mezi abiri aheze, ivyabaye vyongeye bikaba.

Sana nawe nyene yari amaze kubona ingene aba-Taliban bashika ku butegetsi. Niho yari agiheza ivyigwa vy'amategeko kuri kaminuza igihe bashika ku butegetsi mu myaka ya 90. Avuga ko mu kiringo c'imyaka itanu, yagumye i muhira ku gahato, ivyo akazi araheba.

Avuga ko "Kuba umucamanza w'umugore vyonyene ari urugamba. Ubwa mbere yategerezwa kwumvisha abavyeyi bamureke yige. Hanyuma naho agiriye kuri kaminuza hanyuma akaronka akazi, yateregerezwa kwigwanako aho aciye hose.

"Ariko abacamanza b'abagore barekenewe muri Afghanistan kugira batahure amakuba abagore barimwo. Nk'uko umuganga akenewe kugira avure abarwaye, umucamanza w'umugore arumva amakuba ahanze abagore kandi arashobora gufasha gutorera inyishu ubusumbane.

"Ku bagore, hari ukumaramara kujana no kuvuga gusa ko bakorewe amabi. Ariko imiryango ekenshi iremera gufasha ababo iyo urubanza rurimwo umucamanza w'umugore".

Abasigaye mu gihugu

Mu cumba c'inzu ntoya abaye arahabwamwo indaro mu Bugiriki, Sana yaravye amafoto mw'iterefone yiwe. Yerekanye ifoto y'icahora ari urugo rw'umuryango wiwe, ahantu avuga yishimye ko ari iwe, mu mategeko, atari aho umugabo wiwe.

Avuga ko amaze guhungishwa, inzu yaciye yigarurirwa n'umutegetsi w'umu-Taliban. Aba mu nzu yiwe, anyonga imodoka yiwe, aganza ibiri mu nzu vyose.

Kuri abo basigaye baba mu buhungiro, amakuru ava mu gihugu ni gake aza ari meza. Kuri imwe mu migwi myinshi ya Whatsapp barimwo, hari amafoto 28 yashizwe hamwe ariko arahererekwnywa cane. Umwe mu bacamanza yavuze ati imwe imwe yose mu masura, n'umucammanza w'umugabo bivugwa ko yishwe mu masha 48 yari aheze, baka bishwe n'inkozi z'ikibi zarekuwe zari zipfunzwe.

Ku bacamaza b'abagore bose bahungiye mu Bugiriki, uwukiri muto muri bo niwe yasa n'uwababajwe cane kuruta abandi n'ivyo bataye mu gihugu.

Nargis, umucamanza wo ku rugero rwo hasi, yari akoze imyaka idashika itanu muri sentare y'intara imbere y'uko aba-Taliban bafata ubutegetsi. Amashuri yose ya kaminuza n'akazi vyabaye hari reta ishigikiwe na Amerika.

Nargis avuga ati: "Mu gihe aba-Taliban bazoba bari ku butegetsi, abagore ntibazokwigera batera imbere canke ngo bagumane ivyo bari bamaze gushikako mu myaka 20 iheze".

Ku bakuze kumurusha, ababonye ingene aba-Taliban bashika ku butegetsi n'ingene babuvuyeko muri kahise, barafise icizere gusumba.

Asma avuvga ati: "Abagore bo muri Afghanistan si abagore bo mu myaka 20 iheze.

"Raba barya bagore bagiye mu mabarabara mu minsi ya mbere aba-Taliban bagishika, , basaba uburenganzira bwabo, basaba ko baja mu mashure.

"No gushika kuri iyo ntambwe ntivyoroshe. Uyu munsi, umugore wese mu gihugu ameze magabo."

Sana nawe afise icizere ciwe. Avuga ko amategeko we na bagenziwe bafashije gushinga atazofutwa mu mateka y'igihugu. Arashobora kudakurikizwa n'aba-Taliban ariko ntazofudika. Uwuyarondeeye arayabona, arahanahanwa - n'icariho c'ivyashitsweko.

Atanga uturorero tw'ingingo zo mw'ibwirizwa nshingiro. Iya 22 : Abanya-Afghanistan bose , umugabo n'umugore, bafise uburenganzira bungana. Ingingo ya 43: Kwiga amashure n'uburenganzira bw'abanya-Afghanistan bose,. Ingingo ya 44: Gukora akazi n'uburenganzira bwa buri munya-Afghanistan wese.

Ubu aba-Taliban bafashe ingingo yo kugumiza muhira abagore bari bafise ubuzi n'abanyeshure gushika babonye ko ivyo bisata birimwo "umutekano". Bavuze ko ari ingingo y'igihe gito, ariko ntibarashiraho ikirangaminsi c'igihe ibintu bizohindukira.

Abajijwe niba abagore bazoshobora guhabwa ibibanza bikomeye nko kuba umucamanza canke umushikiranganji , Karimi yabwiye BBC ko ataco abivugako kuko bikiriko birigwa.

Mu nzu yashikiyemwo mu Bugiriki, Sana arababazwa cane n'akarenganyo kari mu gihugu ciwe.

Ati: "Ubu abagore ntibava aho bari mu ngo zabo, abagizi ba nabi nari narigijeyo nabo baridegemvya."

Avuga ko azobandanya urugamba rwo kurwanya ako karenganyo, n'aho ari mu mahanga, kandi ashigikire buri mugore wo muri Afghanistan.

"Afghanistan si icibare c'aba-Taliban, si iy'umugwi kanaka uwariwo wose. Ni iya buri munya-Afghanistan wese."

Amafoto ni aya Derrick Evans.