Ubumwe bwa Afrika bushaka kwagura ibikorwa vya AMISOM

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, AU, rivuga yuko rigiye kwagura ibikorwa vya gisirikare muri Somalia, aho abasirikare baryo bamaze imyaka 14 barwanya abarwanyi ba ki Islam.

AU yavuze yuko ubwo butumwa bushasha izobukorera hamwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Iryo shirahamwe ryavuze yuko kwagura ubutumwa bwaryo bwa gisirikare muri Somalia, AMISOM, bizokenera abasirikare b'inyongera bo mu bindi bihugu vya Afrika.

Uwo mugambi ariko utegerezwa kwemweza na ONU hamwe na leta ya Somalia, mu gihe yigezwe kwanka umugambi wa AU nk'uwo mbere.

Ethiopia, igihugu gitanga ibihumbi vy'abasirikare muri AMISOM, ifise ibibazo bikomeye vy'umutekano w'imbere mu gihugu.

Kenya, nayo isanzwe iterera abasirikare, kiretse kuba itarabana ryiza na Somalia kubera ikibazo c'imbibe, isanzwe inafise umugambi wo kugabanya abasirikare bayo muri AMISOM.

Ibindi bihugu vy'akarere biterera ibihumbi vy'abasirikare muri AMISOM ni Uganda n'u Burundi.