Ibitero vyo kuwa 11/9: Perezida Joe Biden aasaba abanyamerika gufatana mu nda

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika asaba abanyagihugu gufatana mu nda mu gihe bibuka abaguye mu bitero vyo ku wa 11 z'ukw'icenda 2001.

Mw'ireresi yaraye asohoye buca bahimbaza imyaka 20 irangiye, yunamiye abantu 2977 baguye muri ivyo bitero.

Avuga ku bakozi bo mu gisata c'ubutabazi bihutiye gutabara inyuma y'ibi bitero, Perezida Biden yavuze ati: "Turaha icubahiro abo bose bemeye kwitanga, bagatanga ubuzima bwabo mu minota, amasaha, amezi n'imyaka yakurikiye".

Ibirori vyo kwibuka ibi bitero bitegekanijwe kuri uyu wa gatandatu.

Perezida Biden ati: "N'ubwo hahaheze igihe kingana iki, ibirori vyo kwibuka ivyabaye bigarukana ibintu vyose bibabaje vyabaye, nk'aho umengo ni amakuru uronse mu masegonda make aheze".

Aremeza ko inyuma y'ivyo bitero hakurikiye "inguvu z'umwijima ziri muri kamere y'umuntu - ubwoba, uburakari, inzigo y'akazikira n'ubukozi bw'ikibi ku ba Islam b'abanyamerka", ariko anavuga ko ubumwe bwabandanije kuba "inguvu nyazo" za Amerika.

Ati: "Twaharonkeye icigwa ko ubumwe ari co kintu conyene kidategerezwa guhara".

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson nawe yavuze ko ivyo bitero vyananiwe no "guhungabanya inzira yacu y'ubwigenge n'intwaro rusangi". Mu bapfiriye muri ivo bitero harimwo abongereza 67.

Ibi bitero vyateguwe n'umuhari al-Qaeda wari ufise indaro muri Afghanistan, vyatumye indege zine zunguruza abantu zifatwa mpiri n'abiyahuzi - zibiri muri zo zisekwa ku minara ibiri (Twin Towers) y'ikigo rutura ca World Trade Center mu gisagara ca New York.

Iyindi ndege yasetswe ku nyubakwa y'ibiro vy'ukwivuna abansi vya Amerika, Pentagon, biri hanze gato y'umugwa mukuru wa Amerika, Washington DC, hayuma iya kane igwamw'ishamba mu ntara ya Pennsylvania inyuma y'aho ingenzi zari muri yo zirwaniye n'abiyahuzi bari bayifashe mpiri.

Perezida Biden yiteze kurongora ibirori vyo kwibuka ibi bitero kuri uyu wa gatandatu akaba ategekanya kugendera ibi bibanza bitatu vyatewe ari kumwe n'umutambukanyi wiwe, Jill Biden.

Haza kuba kandi ibihe bitandatu vy'agacerere bihuye n'ibihe iminara ya World Trade Center yaterwa igasenyuka, hamwe n'ibihe Pentagon yaterwa, indege Flight 93 nayo igakoroka.

Ibi birori bibaye mu gihe kitoroshe kuri uyu mukuru w'igihugu anegurwa bikomeye kuva mu ndwi nke ziheze, inyuma y'ugutahukana ingabo za Amerika, ingingo yarangije intambara ya Amerika muri Afghanistan yari yatanguye haciye ikiringo kidashika ukwezi inyuma y'ibitero vya 11 z'ukwa cenda.

Perezida Biden yari yemereye abanyagihugu ko yategerezwa kuva muri Afghanistan imbere y'ihimbaza ry'imyaka 20 irangiye ibi bitero bibaye, akaba yanavuze ko bitari gushoboka ko aba Taliban bigarurira igihugu.

Ariko, uyu muhari ugendera ku vyiyumviro vy'idini rya Islam wabanje kwigarurira igisagara gikomeye uza kurangiza wigaruriye umugwa mukuru mu misi itarenga cumi yonyene.