Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US yakuye igihugu ca Sudan ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zakuye igihugu ca Sudani ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba, nk'uko bimenyeshwa n'ubuserukizi bw'ico gihugu i Khartoum.
Ku rubuga rwa Facebook rw'ubwo buserukizi handitse ngo:"Igihe c'imisi 45 cahawe inama nshingamateka carangiye kandi umunyamabanga wa reta yateye igikumu ku rwandiko rukura igihugu ca Sudani ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba kuva uyu musi (itariki 14 z'ukwezi kwa cumi na kabiri), bikaba bigiye kwandikwa no mu gitabo ca reta."
Mu kwezi kwa cumi, prezida wa Amerika Donald Trump yari yavuze ko Sudani izova kuri urwo rutonde inyuma yo kuriha indishi y'akababaro y'imiliyoni 335 z'amadolari abagizweko ibitero n'imiryango yaburiye ababo mu bitero vya bombe vya al-Qaeda ku buserukizi bwa Amerika muri Afrika mu 1998.
Umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok yishuye avuga ko amahera yamaze kurungikwa.
Sudani yashizwe kuri urwo rutonde mu 1993 aho umukuru wa al-Qaeda, Osama Bin Laden yaba muri ico gihugu nk'umushitsi wa reta.
Kuri urwo rutonde, Sudani yari kumwe n'ibihugu vya Iran, Korea ya ruguru na Syria.