DRC: Ikiza ca mugiga kimaze guhitana abantu 120

Akarere k'uburaruko bushira ubuseruko bwa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo katangajwe ko katewe n'ikiza ca mugiga.

Gushika ubu, abantu 120 ni bo bamaze guhitanwa n'iyi ndwara.

Abantu ba mbere banduye iyi ndwara bamenyekanye mu kwezi kw'indwi. Gushika ubu abarenga 100 ni bo bariko baravurirwa muhira canke mu bigo vy'ubuvuzi.

Ntivyoroshe kurwanya iki kiza kubera abanyagihugu mu karere basanzwe bemera ibintazi bavuga ko ari uburozi, nk'uko BBC yabibwiwe n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO.

Ibipimo vyafashwe bikajanwa mu Bufaransa kugira vyigwe vyahavuye vyerekana ko umugera w'iyi ngwara ushobora guteza akaga mu bice binini cane.

Hari benshi bamaze kuhasiga ubuzima kandi ahanini bikaba biva ku banyagihugu bakinana.

Hakuja kwivuza, hari bamwe bahitamwo kwimuka bakava mu karere baja mu kandi, bibaza ko iyi ndwara itabakurikira.

Reta ya Congo hamwe na OMS barungitse umugwi w'abaganga mu ntara ya Tshopo guhangana n'iki kiza.

Iyi ntara iri "mu gice ca Afrika gikunze kwizizirwa na mugiga" , igice kiva muri Senegal gushika muri Ethiopia - kigizwe n'ibihugu 26.

Tumwe muri utu turere dukunze guhura n'ivyago vy'iki kiza cane cane mu gihe c'uruzuba - kuva mu kwa mbere gushika mu kw'indwi.

Mugiga, indwara mbi cane, yandukira iva ku muntu ija ku wundi biciye mu mpwemu canke mu gukorora iyo uhuye n'umuntu ayirwaye.