Mexico - Coahuila: Gukorora inda vyakuwe mu vyaha bihanwa

Iki cemezo gishobora kwugurura inzira zo gukuraho ibihano bihabwa abakoroje inda mu gihugu cose

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iki cemezo gishobora kwugurura inzira zo gukuraho ibihano bihabwa abakoroje inda mu gihugu cose

Sentare nkuru ya Mexique yafashe icemezo c'uko guhana abakoroza inda biteye kubiri n'ibwirizwashingiro.

Iki cemezo cafashwe mu ntara ya Coahuila mu buraruko bw'ico gihugu kibuza gukurikirana abagore bakoroye inda.

Ugukorora inda birabujijwe cane mu ntara zose z'ico gihugu kiretse muri zine zonyene.

Umucamanza wa Sentare nkuru y'igihugu, Luis Maria Aguilar, avuga ko iyi ngingo ari "intambwe idasanzwe mu gukingira agateka k'abagore".

Ejo ku wa kabiri, iyi sentare yategetse ko intara ya Coahuila ikura mu gitabo mpanavyaha ibihano bihabwa abakoroje inda.

Iyi ngingo ishobora kuba inzira yo gukuraho ibihano ku bakoroje inda mu gihugu cose.

Muri iki gihe, ugukoroza inda vyemewe mu ntara nkeya gusa, kiretse iyo yandurutse mu gufatwa ku nguvu canke iboneka ko ishobora kubangamira ubuzima bw'umugore.

Amakuru ava mu gisata c'ubutungane avuga ko iri tegeko rizogira ingaruka mu gihugu cose, aho intara zihana ugukoroza inda zishobora kwisanga umucamanza akuyeho ivyo bihano.

Ishirahamwe riharanira ugukoroza inda Information Group on Reproductive Choice (GIRE), rivuga ko iyi ngingo "idasanzwe".

Riti: "Twizeye ko mu gihugu cose abagore hamwe n'abo bantu bose bashobora kwibungenga bazoshobora guhabwa uburenganzira bwo guhitamwo ibijanye n'irondoka".

Intara ya Coahuila ihana urubibe n'intara ya Texas ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aho sentare nkuru yemeje itegeko ribuza ugukoroza inda imaze amezi atandatu.

Iyi ngingo ishobora kwugururira inzira abanyagihugu ba Texas barondera uburenganzira bwo gukoroza imbanyi.