Ivanguraruhu: BBC yavuganye n'umwe mu batyoje Bukayo Saka, ati 'ndasaba imbabazi'

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Athar Ahmad & Mick Tucker
- Igikorwa, BBC File on 4
Ikiganiro ca BBC File on 4 kimaze igihe gikora amatohoza kw'ityozwa rishingiye kw'ivanguraruhu ryakorewe abakinyi b'abirabure b'Abongereza biciye ku mbuga hwaniro mu ntumbero yo kumenya ico vyavuyeko, ni inyuma y'urukino rwa nyuma rwa Euro 2020.
Iki kiganiro cavuganye n'abatari bake muri aba bantu, umwe muri bo yatyoje Bukayo Saka ku mbuga hwaniro avuga ko ubu yipfuza gusaba imbabazi.
Saka, Marcus Rashford na Jadon Sancho bose bahuye n'imvura y'ibitutsi vy'ivanguraruhu ku mbuga hwaniro inyuma y'aho bose bahushirije ama penalties muri urwo rukino rwa nyuma.
Umwe muri aba babatyoje - umugabo ari mu myaka ya 20 akomoka muri Arabia Saoudite - yamurungikiye uducapo twinshi (emojis) tw'inkende ku rubuga rwa Instagram.
Mu nyuma y'aho, konte yiwe ya Instagram yarahagaritswe mu kiringo c'amasaha 24, ariko ubu avuga ko yategerezwa guhagarikwa burundu ku mbuga hwaniro.
Amaze kwerekwa ivyo yakoze, yaremeye kuvugana na File on 4.
Avuga ko yari ashigikiye Ubwongereza muri urwo rukino rwa nyuma arico gituma yagize "uburakari" igihe uyu murwi utsindirwa ku mapenalties.
Aremera kandi y'uko yari azi neza ko ivyo yariko arakora vyari ivanguraruhu: "Ni ikosa rikomeye. Nari narakaye kandi sinari nzi ingene Saka yari kwiyumva agiye abona inkende. Nabonye abandi bariko bararungika utwo ducapo nanje nca njako".
"Ndashaka n'ukuri gusaba imbabazi Saka, ryari ikosa kandi sinzosubira kubimugirako canke kubigira ku mukinyi w'umwirabure uwo ari we wese."
Uyu muntu yavuze ko konte yiwe yahagaritswe na Instagram ikiringo c'amasaha 24.
Ariko avuga ko ubu yemera ko yategerezwa guhagarikwa "burundu" kubera ivyo yashize ku rubuga ari "ivanguraruhu ryeruye".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nedum Onuoha wahoze ari umukinyi w'inyuma wa Manchester City - avuga atarya umunwa ku vyerekeye umupira w'amaguru n'ivanguraruhu - ko yibaza y'uko ibivugwa n'uyu mugabo ata kintu kirimwo.
Onuoha yabwiye BBC ati: "Aha avuga ngo, 'Nategerezwa guhagarikwa burundu'. Bisa n'uko abivuga kubera yibaza ko ari ko yategerezwa kuvuga".
"Yagiye kuri konte ya Bukayo Saka kuri Instagram ashirako emoji y'inkende nk'iciyumviro yari ashikirije ku vyari ku rubuga kandi azi neza ko atategerezwa kubikora, ariko yabikoze kubera abandi bose bariko barabikora".
"Kumbure yibaza ko bose bari barakaye nka we. Ndatahura akababaro ariko igiteye ishavu ni iyo urenze umurongo, kuko bituma abantu bakora nkawe, ibi navyo nkabona ko ari amakosa".
Konte z'ivanguraruhu ziracari ku rubuga
Konte y'uyu mugabo ni imwe muri 105 zamenyeshejwe na Instagram ko zacishijweko ibitabereye inyuma y'uru rukino rwa nyuma rwa Euro, ariko File on 4 yasanze 79 muri zo zikiri ku mbuga inyuma y'indwi zirenga zitandatu.
Callum Hood, wo mu kigo kirwanya amajambo y'urwanko acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi, Centre for Countering Digital Hate, akaba yaranafashije gukora aya matohoza, avuga ko ivyo babonye ari uko amakompanyi akoresha imbuga hwaniro ata shaka afise yo kurandurana n'imizi ivanguraruhu ricishwa ku mbuga ngurukanabumenyi.
Ati: "Instagram yo nyene ubwayo yaratangaje mu ntango z'uno mwaka ko izohagarika amakonte azorungika amajambo y'ivanguraruhu ku bakinyi, rero bariko bararenga ku vyo biyemeje".
"Turiko tuvuga abantu bakoresha rya jambo ritangurwa na N (N-word) mu gutyoza abakinyi, abantu bakoresha ama emojis y'inkende, babwira abantu ngo taha iwanyu".
"Imbuga hwaniro zifise ingingo zazo ngenderwako zivuga ko zidashobora kwemera ivanguraruhu, ko ivangiraruhu ridafise ikibanza ku mbuza zazo, ariko ibikorwa vyabo birerekana neza ko ataco bakora kugira ngo batorere umuti iki kibazo".
Instagram ivuga ko yafuse konte zitari nke n'amajambo y'ibitutsi kuri uru rubuga kubera abarenze ku mategeko inyuma y'amatohoza yakozwe na File on 4.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Istangram ivuga ko abahonyanze amategeko abuza amajambo y'urwanko bashobora kudashoka batakaza konte zabo ubwo nyene, ariko ko aya majambo aca afutwa.
Ivuga kandi ko yashizeho ubuhinga butari buke buzotuma amajambo y'ibitutsi ataja ku mbuga.
Igipolisi kiriko kirakora amatohoza ku majambo yo gutyoza yakurikiye uru rukino rwa nyuma kivuga ko mu butumwa 396 buriko burakorwako amatohoza, inusu muri bwo ari ubwavuye hanze, hafi bwose bukaba bwavuye hanze y'imigabane na Asia n'Ubulaya.
Gushika ubu, abantu 12 nibo bamaze guhagarikwa mu Bwongereza umwe muri bo akaba amaze kuburanywa.
Hampande y'ibi, ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe umupira w'amaguru FIFA, ryatanguye kwiga ibihano bibereye vyohabwa abafana ba Hongrie inyuma y'ityozwa rishingiye ku rukoba ryakorewe abakinyi b'Abongereza igihe ico gihugu cakina n'Ubwongereza kigatsindwa 4-0 i Budapest.
'Ndababazwa n'ivyama biriko biraba'
Tony Burnett, umukuru w'ishirahamwe rikuru ryishinze kurwanya ivanguraruhu, Kick It Out, abona ko imbuga hwaniro zikeneye gushiramwo inguvu gusumba kugira ngo zihashe ivanguraruhu ryakorewe abakinyi b'Abongereza muri uru rukino rwa nyuma rwa Euro2020.
"Ndababazwa n'ivyama biriko biraba. Nari kuri final kandi twari tuzi neza ivyari bigiye gukurikira inyuma y'aho tunaniriwe kwinjiza arya ma penaliti".
"Rero kubera twari tubizi, imbuga hwaniro zategerezwa kuba zamenye ivyari bigiye gukurikira hanyuma zigakora ibishoboka vyose kugira ngo zikingire aba bahungu bateye arya ma penaliti yacu".










