Rehema Muthamia, umwongerezakazi akomoka muri Kenya yatsinze ihiganwa rya Miss England

Rehema Muthamia

Ahavuye isanamu, Rehema Muthamia Instagram

Insiguro y'isanamu, Rehema Muthamia

Rehema Muthamia, umwongerezakazi akomoka muri Kenya ariko aravugwa cane mu Bwongereza inyuma y'aho atahukaniye intsinzi mw'ihiganwa rya Miss World England 2021, akaba agiye guserukira iki gihugu mw'ihiganwa Miss World 2021.

Muthamia, aba ahitwa Mill Hill yatsinze abandi 42 bari kumwe muri iryo higanwa rya Miss England 2021, mu birori vyabereye mu gisagara ca Coventry, ku wa 27 z'ukwa munani.

Muthamia azoba aserukiye ibendera ry'Ubwongereza mw'ihiganwa Miss world rizobera mu gisagara ca San Juan muri Puerto Rico, hazoba ari ku wa 16 z'ukwa cumin na kabiri.

Muthamia yavukiye mu Bwongereza ku bavyeyi bompi b'abanya-Kenya, imyaka yo mu bwana bwiwe ayimara muri Kenya.

Mu nyuma yahavuye asubira mu Bwongereza aho abana na inakuru wiwe mu karere ka Luton Bedfordshire.

Rehema Muthamia

Ahavuye isanamu, Rehema Muthamia Instagram

Insiguro y'isanamu, Rehema Muthamia

Muthamia avuga indimi zine, akaba atamba n'imiziki yo mu bwoko bwa salsa na bachata.

Mu kwa kabiri uno mwaka, yatsinze ihiganwa ryiswe Miss All African Colours England, ihiganwa ryatangujwe mu ntumbero yo gukomeza ubutandukane mw'ihiganwa rya Miss England.

Iri higanwa rishasha ryatangujwe na Miss England, mu ntumbero yo kwifatanya na rya sekeza ryo kurwanira agateka k'abirabure ryatanguzwa muri Amerika, Black Lives Matter, mu buryo bwo kwishimira iragi rikomeye ry'umukenyezi mu Bwongereza.