Nyina wa Miss Rwanda 2020, Nishimwe Naomie, avuga ko yari yaripfuje iryo teka kuva kera

Ahavuye isanamu, @MissRwandaDotRW
Mu gice ca nyuma c'ihiganwa rya Miss Rwanda 2020, Nishimwe Naomie niwe yaraye yambitswe urugori (ikamba) arushije bagenziwe icenda bari kumwe.
Abakobwa 10 aribo Nishimwe Naomie, Umutesi Denise, Ingabire Gaudence, Umwiza Phionah, Mutegwantebe Chanice, Irasubiza Alliance, Teta Ndenga Nicole, Musana Teta Hense, Umuratwa Anitha hamwe na Akaliza Hope, nibo bacitse muri ico gice ca nyuma aho umwe umwe yabazwa ku bijanye n'imigambi yiwe n'uburyo azoyishira mu ngiro.
Ni umunezero mwinshi kuri nyina wiwe, Fanny Uwimbabazi, avuga ko yari yipfuje kwinjira muri iryo higanwa kuva kera akiri umwana.
Nishimwe Naomie yari yaserukiye igisagara ca Kigali ni we yaronse ayo mahirwe mu kwerekana ko ashira imbere umugambi wo kurwanya kanseri y'ibere muri ico gihugu.
Avugana na BBC inyuma y'iryo higanwa, umupfasoni Uwimbabazi avuga ko umukobwa wiwe ata nkeka ko azoshira mu ngiro ivyo yemereye abariko bakurikira iryo higanwa, ngo kuko yamye ari umwana w'inkerebutsi.

Ahavuye isanamu, @MissRwandaDotRW
Nishimwe Naomie yaraye atowe kuba Miss Rwanda 2020 asubiriye Nimwiza Meghan yari afise iryo teka mu mwaka wa 2019.
Yakurikiwe na Umwiza Phionah hamwe na Umutesi Denise babaye uwa kabiri n'uwa gatatu kuri we.
Mu turusho azohabwa harimwo kumara umwaka ahembwa ibihumbi 800 vy'amafaranga y'amanyarwanda buri kwezi, ahabwe n'imodoka nshasha ya Suzuki Swift hamwe n'ubundi bwinshi azohabwa n'abasanzwe bafasha mw'itegurwa ry'ihiganwa Miss Rwanda.

Ahavuye isanamu, @MissRwandaDotRW










