Afghanistan: Amakuru y'abatashoboye guhungishwa

Abanya-Afghanistan ibihumbi n'ibihumbi barisutse ku bwinshi ku kibuga c'indege ca Kabul mu ndwi zibiri ziheze barondera kuva mu menyo y'aba Taliban inyuma y'aho bigaruriye igihugu.

BBC yashoboye kuvugana n'umugabo umwe vyanse ko ahunga, ubu akaba yinyegeje, vyumvikana ko yahinduye izina ku mvo z'umutekano wiwe.

Inyuma y'aho aba Taliban bafatiye umugwa mukuru Kabul, Nazeef, ari kumwe n'umugore wiwe n'uruhinja rwabo, baciye bata inzu baja kwinyegeza.

Azi vyinshi ku ba Taliban, ariko cane cane ivyo yakoreye reta yahahora ni vyo ahanini bituma aronderwa cane.

Ati: "Nakora mu gisata kijejwe kwandika abanyagihugu. Aba Taliban barazi neza ko umusi bomfata, bashobora kuronka amazina y'abantu benshi cane barondera n'aho baba".

Aho yinyegeje, ababanyi baramubwiye ko aba Taliban baje kumurondera ku muhana incuro zitatu zose mu ndwi zibiri ziheze.

Nazeef vyaranse ko ahungishwa n'ingabo za Amerika. Afise ubwoba ko atazoshobora gusokoroka na gato mu gihe aba Taliban bazoba batsimbataye i Kabul.

Ico ariko arakora ubu, n'ukwitegurira gufata urugendo rugoye cane we n'umugore n'umwana wabo, agatanga amafaranga kubakora magendo bakamusohokana.

Arazi ko ruzoba ari urugendo rurimwo imitego, kuko hari abimukira benshi bishwe, abagore nabo bagakorerwa ivya mfura mbi.

Nazeef avuga ko bitazomworohera na gato kuko "aba Taliban bavuga ko bugaye imihora yose yo ku mbibe ijabuka mu bihugu bibanyi".

Hagati aho, Nazeef abona ko ata kundi yogira atari ukwemera kwita muri uwo muriro.

Ati: "Ntibazigera bambabarira. Mu gihe noguma i Kabul, aba Taliban bazonyica baramutse bambonye".