Afghanistan: US ivuga ko igitero ca drone caburijemwo icagomba gikorwe ku kibuga c'indege i Kabul

Igitero ca drone c'ejo ku wa Mungu cabaye hasigaye imisi mike ngo ikiringo ntarengwa Amerika yashinze co kuvana ingabo zayo muri Afghanistan kirangire

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igitero ca drone c'ejo ku wa Mungu cabaye hasigaye imisi mike ngo ikiringo ntarengwa Amerika yashinze co kuvana ingabo zayo muri Afghanistan kirangire

Igitero ca ya ndege itagira umudereva (drone) ku mugwa mukuru wa Afghanistan caburijemwo igitero c'umwiyahuzi ku kibuga c'indege ca Kabul, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba gisirikare ba Amerika.

Ibiro bikuru vya gisirikare mu karere ka Aziya bivuga ko iki gitero ca drone cakozwe ku modoka yarimwo n'imiburiburi umuntu umwe akorana n'ishami rya wa muhari wiyitirira Reta ya Islam (Islamic state/Etat Islamique) muri Afghanistan.

Amerika iragabisha ko hashobora kuba ibindi bitero mu gihe igikorwa co guhungisha abantu kiriko kirarangira.

Ariko n'aho biri uko, ibigisirikare ca Amerika kivuga ko kizobandanya guhungisha abanya Afghanistan ku kubiga c'indege gushika ku munota wa nyuma.

Amerika n'aba Taliban barumvikanye kw'itariki ntarengwa yo gushika ku wa 31 z'uku kw'umunani kugira ingabo za Amerika zizobe zavuye mu gihugu.

Amerika niyo izoba iya nyuma kuva muri ico gihugu, mu gihe ibindi bihugu vyose vyamaze gutaha.

Ejo ku wa Mungu, niho indege za nyuma zariko ziratahukana ingabo z'Ubwongereza zashika mu Bwongereza.

Amerika ivuga ko yafashije abantu barenga 110.000 kuva ku kibuga c'indege ca Kabul kuva ku wa 14 z'uku kw'umunani - hasigaye umusi umwe gusa ngo aba Taliban bigarurire umugwa mukuru.

Umunyamakuru wa BBC ari i Kabul Lyse Doucet, avuga ko we na bagenziwe babandanya baronka ubutumwa bwo gusaba ubufasha buva mu banya Afghanistan batinya aba Taliban. Muri bo harimwo abanyamuziki, abanyeshure b'amakaminuza n'abanyaporitike b'abagore.

Benshi muri bo babona ko ata kazoza bashobora kuzobona nk'uko bari bakiteguriye inyuma y'imyaka 20 amakungu akorera muri ico gihugu, nk'uko uyu munyamakuru abivuga - kandi benshi bakavuga ko aba Taliban batabemerera kuva mu gihugu.

Ku wa Mungu, Kapiteni Bill Urban wo mu biro bikuru vya gisirikare muri ako karere avuga ko Amerika yakoze ico gitero ca drone mu ntumbero yo "kuzibira igitero cagomba gikorwe" ku kibuga c'indege i Kabul.

Ati: "Turizeye ko twagemye ho nyaho. Ibibombe vyaturitse mu nyuma biva muri iyo modoka bitwereka ko harimwo ibiturika vyinshi cane".

Avuga ko ibiro bikuru mu karere vyamenye ko hari abasivire bakomeretse muri ico gitero ca drone.

Ati: "Ntibiramenyekana neza icoba cabaye, turacakora amatohoza", akongera ko y'uko ibiro bikuru vy'akarere "bibabajwe cane n'inzirakarengane zoba zahasize ubuzima".

Avuze ibi inyuma y'amakuru atari make yavuga ko bumvise ikibombe gikomeye caturitse hafi y'ikibuga c'indege ca Kabul. Amashusho amwe yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana ivyotsi vyirabura mu kirere hejuru y'amazu.

Abategetsi bo mu rwego rw'igendereza rwa Amerika bavuga ko bari baronse amakuru "nyayo kandi yo kwizera" ko hari igitero cariko kirategurwa ku kibuga c'indege, ko rero igisirikare categerezwa kubandanya n'ibitero aho bikenewe.

Amerika ihanura abantu kwigira inyuma, n'aho abarondera kuva mu gihugu umwanya uriko urabaherana.

Uretse ibi, ejo ku wa Mungu igipolisi i Kabul cavuze ko hari umwana yaguye mu gitero ca roketi cakozwe ku nzu iri hafi y'ikibuga c'indege. Nta nsiguro ziraboneka kuri iki gitero.

Igitero ca bombe ku kibuga c'indege i Kabul ku wa kane cahitanye abashika 170, harimwo abasirikare 13 ba Amerika.

Ishami ry'umuhari Etat Islamique mu karere, IS-K, rivuga ko ari ryo ryakoze ico gitero co ku wa kane.

Mu kwihora, Amerika yakoze igitero mu buseruko bwa Afghanistan ku mugoroba wo ku wa gatanu, kivugwa ko cahitanye abanywanyi ba IS-K "bakomeye".

Ejo ku wa Mungu, Perezida Joe Biden wa Amerika yarabonanye n'imiryango y'aba basirikare ba Amerika 13 baguye muri ico gitero co ku wa kane.

Perezida Biden yaritavye ibirori vyo kwunamira aba basirikare baguye muri ico gitero vyabereye ku kirindiko c'ingabo zirwanira mu kirere mu gisagara ca Dover (Dover Air Force) i Delaware.

Joe Biden yarunamiye abasirikare ba Amerika biciwe mu gitero c'ubwiyahuzi i Kabul ku wa kane

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Joe Biden yarunamiye abasirikare ba Amerika biciwe mu gitero c'ubwiyahuzi i Kabul ku wa kane

Hampande y'ingabo za Amerika zaguye muri iki gitero ca IS-K, abanya Afghanistan batari bake bari batonze umurongo ku kibuga c'indege barondera guhunga nabo nyene barahasize ubuzima. Abongereza batatu harimwo n'umwana bari mu bahasize ubuzima.

Abenshi mu bihumbi n'ibihumbi vy'intagondwa za IS-K bakekwa ko boba baba mu kinyegero mu ntara ya Nangarhar muri Afuganisitani, mu buseruko bwa Kabul.