Afghanistan: ibinyamakuru vya US bivuga ko CIA yaganiriye n'aba Talibani i Kabul mu kinyegero

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru w'igisata ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe igendereza, CIA, yarabonanye mu kinyegero n'umukuru w'aba Taliban i Kabul ku wa mbere, nk'uko amakuru yashikiriye ibinyamakuru vya Amerika abivuga.
Ariko, baba aba Talibani, yaba CIA, nta ruhande na rumwe rwemeza ibijanye n'uwu mubonano hagati ya William Burns na Mullah Baradar.
Perezida Joe Biden wa Amerika yashinze ikiringo ntarengwa co ku wa 31 z'uku kw'umunani ko ingabo zayo zose zizoba zavuye muri Afghanistan. Incuti za Amerika - harimwo Ubwongereza - zishaka ko ico kiringo congerezwa.
Ingabo za Amerika ziri muri Afghanistan kuva mu 2001, inyuma y'ibitero vyo ku wa 11 z'ukw'icenda uwo mwaka nyene.
Amakuru yashikiriye ibinyamakuru vya Amerika, harimwo New York Times, Washington Post, Associated Press n'iradiyo NPR - aremeza uwo mubonano hagati ya CIA n'aba Talibani.
Hagati aho, nta nsiguro nyinshi zitangwa.
Mu gihe aya makuru yokwemezwa, woba ari umubonano wa mbere wo ku rwego rwo hejuru hagati ya Amerika n'aba Talibani kuva uwu muhari wigaruriye Kabul, ivyatumye reta ya Afghanistan yari ishigikiwe n'amakungu ita igahunga.
Ingabo za Amerika zababa 5.800 nizo muri kino gihe zicungereye ikibuga c'indege ca Kabul, mu gihe ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyamahanga n'abanya-Afghanistan bagerageza kuva muri ico gihugu.
Ikinyamakuru Washington Post kivuga ko mu vyo impande zompi zoba zaravuganye, harimwo ku bijanye n'igihe ntarengwa c'aho igisirikare ca Amerika kizoba cahejeje ibikorwa vyaco vyo guhungisha abantu.
Ejo ku wa kabiri, aba Taliban batangaje ko ata wundi munye Afghanistan azokwemererwa kuva mu gihugu, kandi ko ico kiringo ntarengwa kitazokwongerezwa.
Mullah Baradar ni umwe mu bagabo bane bashinze umuhari w'aba Taliban mu 1994. Mu gitero cakozwe na Amerika ifatanije na Pakistan mu 2010, yarafashwe mpiri, akaba yamaze imyaka umunani mw'ibohero.
Kuva mu 2019, yari arongoye ibiro vy'aba Taliban muri Qatar. Mu kwa kabiri 2020, yateye igikumu ku masezerano ya Doha yerekeye itahukanwa ry'ingabo za Amerika n'iza OTAN/NATO.
Yabaye kandi umutegetsi wa mbere w'umu Taliban yavuganye n'umukuru w'igihugu wa Amerika, inyuma y'aho avuganiye na Donald Trump kuri terefone mu 2020.












