Hakainde Hichilema: Umunya-Zambia 'yakuriye inyuma y'inka' abaye prezida

Hichilema

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Hichilema yarahiganywe kandi aratsindwa mu matora yose yabaye muri Zambia kuva mu 2006
    • Umwanditsi, Na Kennedy Gondwe
    • Igikorwa, BBC News, Lusaka

Ryabaye irigira gatandatu ryereye Hakainde Hichilema yabaye umukuru wa Zambia inyuma yo kwitoza incuro zitanu adatsinda.

Hichilema yatsinze uwari akomeye kurusha abandi mu bo bahiganwa, uwahora ku butegetsi Edgar Lungu, amurushije amajwi arenga umuriyoni.

Ariko none uwo mu prezida mushasha ni nde? Hanyuma yatsinze kubera iki inyuma y'izo ncuro zose adatorwa?

Short presentational grey line

Hichilema, w'imyaka 59, avuga ubwiye ko ari umuhungu asanzwe yakuriye ''inyuma y'inka'' hanyuma akaza kuba umwe mu bantu batunze cane muri Zambia.

Uwo mukuru w'igihugu yatowe akaba n'indongozi y'umugambwe United Party for National Development (UPND) azwi cane nka HH. Yavukiye mu buryo bubayabaye imbere y'uko aronka abamurihira (bourse) kaminuza ya Zambia, mu nyuma aca aronka urupapuro rw'umutsindo rwa MBA kuri kaminuza ya Birmingham mu Bwongereza.

Yahavuye atera imbere aratungishwa n'urudandazwa rw'amafaranga, amazu, amatongo, amagara y'abantu hamwe n'ubukerarugendo.

Yarakoresheje ivyo yaciyemwo mu buzima kugira ahimirize abatora kumuha amajwi.

Yabwiye abatora ko bakeneye umugwizatunga yateye imbere kugirango bumve ingene ubutunzi bwotera imbere muri ico gihugu kirimwo ubutare bwinshi bw'umujumbu (cuivre/copper) ariko kandi kirangwamwo ubushomeri bwinshi.

Yanakoresheje kandi kahise kiwe k'uburimyi kugira ahimirize abarimyi bo muri ico gihugu, avuga ko ashobora gutuma Zambia kiba ubusumiro bw'ibindi bihugu vy'akarere.

Ariko ubushobozi bwiwe bwo kuja ku murongo umwe n'abatora bakiri bato nibwo bushobora kuba bwamushikanye ku ntsinzi kurusha ibindi.

Abarenga 50% muri miriyoni indwi bari biyandikishije gutora muri Zambia bafise munsi y'imyaka 35. Hafi umwe kuri batanu muri bo nta kazi agira.

Umugambwe wari usanzwe ku butegetsi Patriotic Front (PF) wabushitseko mu 2011 wemeye ''kuzogabanya amakori, kwongereza amafaranga mu mifuko y'abantu n'ubuzi".

Ariko ivyo ntivyabaye ku bantu benshi bakiri bato kandi nibo baciye bahaguruka ku bwinshi mu guha amajwi Hichilema.

Bumwe mu buryo bwatumye ahuza n'abakiri bato ni imbuga hwaniro. Ntiyari amatora ya mbere Hichilema ageragejemwo gukoresha Facebook na Twitter kugira ashikire abatora, ariko ubu yari yongereje imikenyuro.

Ariko yaranarondeye gukoresha inzira zitabereye.

Mu mwaka uheze yasohoye video yise "The tale of two professionals..." (Inkuru y'abanyamwuga babiri…), yerekana Hichilema nk'umugwizatunga abona kure kandi azi ico akora hanyuma Lungu nawe nk'umuntu yamariye amafaranga yiwe mu kabare no mu mazu y'ubutambiro. Iyo video igaca ibaza iti: "Muri abo babiri ni nde atomoye kurusha uwundi?"

Hichilema yaranavugira kuri izo mbuga hwaniro ibindi bitajanye na poritike, na cane cane umupira w'amaguru - iyindi nzira yo guhura n'abatora. Hari igihe yanakekeza aba fana ba Manchester United na Arsenal iyo imigwi yabo yatsinzwe.

Yanakeje abakinyi ba Zambia bashoboye kuja aho bahembwa amafaranga menshi mu migwi y'i Buraya, harimwo Patson Daka, aherutse kuja mu mugwi wa Leicester City, na Fashion Sakala, nawe yateye umukono ku masezerano yo gukinira Rangers yo muri Ecosse.

Yaranavuga ku nkino zabo za gicuti z'umwiteguro, agaragara nk'uwitayeho cane ingene batera imbere muri uwo mwuga wabo.

Lungu nawe yagerageje imikenyuro nk'iyo, ariko benshi babibonye nk'uko bitavuye mu gushaka.

Hachilema hari n'igihe yakoresha ku mbuga hwaniro amajambo akoreshwa n'imigwi imwe imwe y'abantu nka "bally", ijambo rya nciyaho ryo guhamagara umuntu nka so wawe. Hashtag nka #BallyWillFixIt zarakoreshejwe mu kugerageza kuvuga ururimi rw'abanyesoko n'abanyabubare, kugira ntagume abonwa nk'uwo mu mugwi w'abagwizatunga bateye imbere gusa. Bisa n'ivyakoze.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi vy'abashigikiye Hichilema basidukanye n'iyonka bihereza amabarabara bamaze kwumva ko yatsinze, bavuga ngo "Twagiye Bally".

Abashigikiye Hichilema
Insiguro y'isanamu, Abashigikiye Hichilema aho bumviye ko yatsinze baciye bihereza amabarabara kwigina

Hichilema yarerekanye ukudata hasi muri poritike.

Uretse gutsindwa incuro zitanu, yibutsa abantu ko yafashwe incuro 15 kuva yinjiye muri poritike.

Mu 2016, yagirijwe icaha co guhemukira igihugu bivugwa ko ari uko yanse kubisa inzira urukurikirane rw'imodoka z'umukuru w'igihugu.

Yamaze amezi ane mw'ibohero ricungerewe cane imbere y'uko ivyo yagirizwa bihebwa.

Mw'ijambo ryo kwakira intsinzi, umukuru w'igihugu yatowe Hichilema yahaye uwo agiye gusubirira ubutumwa bwo kumuremesha ko atazofatwa nabi.

Yamubwiye ati: "Ntugire amakenga, uzomererwa neza. Ntuzohorwa ivyo wakoze canke ngo uterwe ivyotsi bikoroza amosozi." Ivyo Hichilema yabivuze kuko yatewe akatari gake mu vyo yise ukugerageza kumucecekesha no kumutera ubwoba nk'indongozi y'abatavuga rumwe na reta.

Aho noneho aruhiye akaronka ico yaharaniye kuva kera, nta nkeka ko Hichilema aho ari ari mu vyishimo. Ariko uwo mukuru w'igihugu yatowe azotegerezwa guca aja ku kivi vuba mu gihugu gihanzwe n'ingorane nyinshi.

Uretse ubushomeri, n'ubuzima bwarazimvye cane.

Ubwa mbere kuva mu 1998, ubutunzi bwa Zambia bwarakongataye mu mwaka uheze aho ikiza ca Covid -19 cakwira isi yose.

Ku vyerekeye amafaranga Zambia iheraniye abayiguranye, agereranywa ko ashika miriyaridi 12 z'ama dorari.

Ivyo bisigura ko reta isanga itegerezwa gukoresha 30% y'ayo igihugu cinjiza mu kuriha inyungu z'ayo madeni, nk'uko vyerekanwa n'ikigo gikurikirana ivyerekeye amadeni, S&P Global.

Mu mwaka uheze, Zambia yarananiwe no kuriha inyungu yo kw'ideni, gica kiba igihugu ca mbere co muri Afrika kinaniwe no kuriha ideni mu gihe ca Covid. Kandi gifise ingorane zo kuriha n'ayandi madeni.

Ugukundwa mu gihugu kwa Hichilema ntikuzoteba kuyoyoka hamwe atotorera inyishu bimwe muri ivyo bibazo kandi vuba.

Insiguro ya video, I Lusaka muri Zambia hari ibohero ushobora kumaramwo imyaka ata rubanza