Ethiopia: umuhari urwanira mu ntara ya Oromia wishize hamwe na TPLF mu kurwanya reta

Inyeshamba za Tigray zihanganye n'ingabo za reta ya Ethiopia kuva mu kw'icumi na rimwe guheze

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Inyeshamba za Tigray zihanganye n'ingabo za reta ya Ethiopia kuva mu kw'icumi na rimwe guheze

Umuhari w'inyeshamba Oromo Liberation Army wo mu ntara ya Oromia wishize hamwe n'inyeshamba za Tigray zirwanira mu buraruko bwa Ethiopia kugira ngo barwanirize hamwe ubutegetsi bw'iki gihugu.

Umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF) nta tangazo urasohora kuri aya masezerano, ariko umuvugizi w'uwu muhari yemeje aya masezerano mu kiganiro yagiriraniye n'itororokanirizo ry'amakuru Bloomberg.

Mu kwa gatanu, reta ya Ethiopia yatangaje ko iyi mihari yompi ari iy'iterabwoba, ariko ukwishira hamwe kwayo gushobora gutera ibibazo umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed.

Uretse inyeshamba za TPLF zirwanira mu ntara ya Tigray, ingabo za reta ya Ethiopia zihanganye n'iyindi mirwi mu turere dutandukanye tw'igihugu.

Mu ntara ya Oromia isanzwe ibamwo ubwoko bunini muri ico gihugu kandi ari nayo umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed avamwo, reta ihanganye n'uwu muhari, Oromo Liberation Army, OLA.

OLA isanzwe irondera ubwigenge bw'abanyagihugu bo mu bwoko bwa Oromo nta ntambwe ya gisirikare iboneka yigeze itera, ariko ibandanya itera umutekano muke mu turere dutandukanye tw'iyo ntara.

Myinshi mu mishamirano yo hagati mu gihugu muri Ethiopia iri ku rugero ruto kandi ikaba ishingiye ku bibazo bwite vy'abanyagihugu - rero kubona OLA igiye hamwe n'inyeshamba za Tigray ibintu bishobora guhinduka.

Mu misi iheze, ingabo za reta zagiye zitsindwa mu buraruko bw'igihugu gushika aho zitakaza intara ya Tigray yigaruriwe n'inyeshamba za TPLF.

Vyabaye ngombwa ko reta ihagarika agahengwe yari yatangaje maze itera akamo ingabo z'igihugu n'abazishigikiye kurandurana n'imizi umuhari Tigray People's Liberation Front, TPLF.