Igisirikare ca Ethiopia cishe Seyoum Mesfin yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Ethiopia gitangaza ko cishe uwahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire Seyoum Mesfin, akaba yari umwe mu bashinze umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF) wahora urongoye intara ya Tigray.
Uyu yabaye umushikiranganji w'imigenderanire kuva mu 1991 gushika 2010, yicanywe n'abandi bategetsi batatu bo hejuru b'umugambwe TPLF muri iyo ntara ya Tigray inyuma y'aho bankiye kwishikana, nk'uko bivugwa n'igisirikare.
Inyuma y'ukuba umushikiranganji w'imigenderanire, Seyoum yahawe amabanga yo guserukira Ethiopia mu Bushinwa.
Azwi ko ari we yakomeje imigenderanire hagati y'Ubushinwa na Ethiopia - kimwe mu bihugu vya Afrika gifise abanyamitahe benshi b'Abashinwa.
Reta ya Ethiopia yari yasohoye umutahe wo kumuhagarika - co kimwe n'abandi bategetsi bakuru b'uyo mugambwe - inyuma y'intambara yabereye muri Tigray mu kw'icumi na rimwe guheze.
Agashimwe kangana n'ibihumbi 254,000 vy'amadorari y'abanyamerika niko kari kemerewe umuntu yari gutanga amakuru yari gushobora gufasha kubahagarika.
Igisirikare kivuga ko basabwe kwishikana ariko baranana. Kivuga kandi ko abategetsi batari bake ba TPLF bishwe abandi barahagarikwa mu bikorwa vya gisirikare biheruka.
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yaragomoye ingabo zirwanira mu kirere no hasi ku wa 04 z'ukwa cumi na rimwe kugira ngo yirukane uyo mugambwe ku butegetsi, ni inyuma y'aho ingabo zawo zifatiye ibirindiro vya gisirikare vy'igihugu.
Yahavuye atangaza intsinzi ya reta muri Tigray inyuma y'intambara zamaze ukwezi, ariko abategetsi ba TPLF bashoboye guhunga batangaje ko bari biteguriye kubandanya intambara.










