Ethiopia – Tigray: Ingene umusirikare yarokotse mu masaha 11 y'intambara

Ingene umusirikare yarokotse mu masaha 11 y'intambara muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, AFP

Abasirikare ba Ethiopia babwiye BBC igisata ca Afaan Oromoo ivyabashikiye mw'ijoro ry'igitero cabaye ku makambi yabo mu ntango y'intambara yadutse muri Tigray mu kwezi guheze yatangujwe n'abagwanyi b'ubutegetsi buherutse gutembagazwa muri ako karere.

Umugambwe 'The Tigray People's Liberation Front', TPLF - wahora uramutswa ako karere ko mu buraruko/ amajaruguru mu Kinyarwanda, - uvuga ko wagumutse, igihe isi yari ihanze amaso amatora yo muri Amerika, bavuga ko bagira bagirweko igitero n'ingabo za reta.

Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yaciye ategeka ko haba ibitero vya gisirikare vyatumye haba itembagezwa ry'ubutegetsi bw'ako karere, abagwanyi ba TPLF bahungira mu misozi, aho baguma bagwaniriza abo bita ko babateye.

Vyari bigoye kuronka inkuru y'imvaho kuri iyo ntambara kubera ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru bwari bwacitse muri ako karere.

Ivyashikiye abo basirikare bigaragaza amacakubiri y'ubwoko ari mu gisirikare ca Ethiopia, aho bamwe mu basirikare bo muri Tigray bagirizwa gushigikira umugambwe TPLF.

Sereja Bulcha

Nari mw'ikambi yegereye igisagara ca Adigrat, hafi y'urubibe na Eritrea. Mu gihe c'isaha zitanu n'igice z'ijoro, itariki 3 z'ukwezi kwa cumi na rimwe, jewe hamwe n'abandi basirikare, twaronse ubutumwa kuri terefone buvuye kuri bagenzi bacu bari mw'ikambi nkuru iri mu gisagara ca Agula - ku birometero 30 mu buraruko bushira ubuseruko bw'umugwa mukuru w'intara ya Tigray, Mekelle - buvuga bat: "Twazungurutswe. Mubishoboye nimuze mudutabare, nimuze."

Ata kanya kahaciye, ikambi yacu na yo yaciye izungurukwa n'amajana n'amajana y'abasirikare karuhariwe ba TPLF hamwe n'imigwi yitwaje ibigwanisho bari bafashe ibirindiro hanze y'ikambi. Bamwe mu basirikare b'aba Tigray - bari basohotse ikambi- bari kumwe n'abo baje kudutera.

Twagiye kuraba umu Koroneri yari afise urufunguruzo rw'ububiko bw'ibigwanisho. Tumusaba kuhugurura.

The crisis in Tigray has revealed ethnic divisions in the Ethiopian military

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Intambara yo muri Tigray yashize ahabona ikibazo c'amoko mu gisirikare ca Ethiopia

Yaranse, avuga ko atategeko yahawe ryo kuhugurura. Yari umunye Tigray, kandi twarikeka ko yari mubateguye kudutera.

Bamwe mu basirikare barahaririye na we bamusaba kwugurura ubwo bubiko; mu gihe abandi bariko baragerageza kubomora urugi. Twarashikiriye ivyo bigwanisho. Igisirikare ca TPLF cari camaze gutangura kuturasa.

Twaciye dufata ibirindiro, imbere n'inyuma y'ikambi, twikinga inyuma y'amabuye, ibigunguru n'impome. Hari nk'isaha indwi z'ijoro igihe intambara yareta.

Hagati yacu na bo hari imetero 50 gusa.

Twishe abarenga 100 muri bo. Na bo batwishemwo 32. Mu basirikare nari ndongoye, umwe yarapfuye abandi icenda barakomereka.

Benshi mu bapfuye ku ruhande rwacu bishwe n'abasirikare b'aba Tigray bari batuvuyemwo baja kugwana ku rundi ruhande.

Intambara yamaze amasaha 11 gushika mu gitondo aho abadutwara badutegetse guhagarika kugwana, gusubiza ibigwanisho mu bubiko hanyuma dusubire mu vyumba vyacu. Twaragamburutse.

Inyuma y'aho gato, abapadiri bari kumwe n'abahumure b'igisagara baciye baza. Baca bagira ibiganiro vyo kwishikana. Nk'isaha cumi, twategetswe guhereza ibikoresho vyose vyacu vya gisirikare ingabo za TPLF.

Hanyuma, twasabwe kwegeranya ivyo dutunze vyose hanyuma twurizwa amakamyo. Twagiye dutwaye n'abasirikare bacu bakomeretse. Twategetswe ku nguvu gusiga abapfuye.

'Natanze izina ritari ryo'

Ingabo za TPLF zadutwaye muri imwe mu makambi yabo mu gisagara ca Abiy Addi, ku birometero 15 mu bumanuko bushira uburengero bwa Adigrat.

Tigray map

Abasirikare bakomeretse ntibigeze bavurwa ico gihe cose.

Buri gitondo, twarahamagarwa.Twategerezwa gutanga amazina yacu, ubwoko n'ico twakora mu gisirikare.

Hari hameze nko mu bugaragwa, kandi hari hashushe cane. Twaronka amazi make yo kunywa. Buri gitondo, baraduha icayi kitagira isukari, mu gice c'icupa rya plastike bahimburiye hagati. Indya zacu zo ku musi zari zigizwe n'udukate duto.

Abandi basirikare baturutse mu yandi makambi na bo nyene barazanywe i Abiy Addi. Batubwiye ko na bo batewe. Bamwe muri bo bishikanye ata ntambara ibaye; abandi babanje kugwana nkatwe mu kiringo c'imisi ine.

Inkoho zo mu bwoko bwa 'Kalashnikov'. Ibigwanisho biremereye eka mbere n'ibisasu vya rokete vyarakoreshejwe muri iyo ntambara. Bamwe mu basirikare bacu bahungiye muri Eritrea.

'Impuzu za gisirikare zaraturiwe'

Inyuma y'indwi nka zibiri, ingabo za TPLF zaduhitishijemwo ibintu bitatu - kwinjira mu gisirikare cabo, kuba mu ntara ya Tigray nk'abasivire canke gusubira mu miryango yacu. Twahisemwo ico ca nyuma.

Ariko abategetsi bacu bakuru, abakora mw'itumatumanako, abasirikare b'abapfasoni hamwe n'abashobora gukoresha inkoho ziremereye ntibahawe amahirwe n'amwe. Bagumanye aho Abiy Addi, ibihumbi n'ibihumbi vy'abo.

The landscape in Tigray is mountainous

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imisozi yo mu ntara ya Tigray

Abandi dusigaye badusavye gukura impuzu za gisirikare. Twaranse, tubabwira ko boshaka bakatwica, ariko tutazikura; ko amategeko ya gisirikare yacu atabitwemerera; kandi ko izo mpuzu ryari ryo teka ryacu.

Mu nyuma twaratinze turumvikana. Gukura impuzu zacu za gisirikare hanyuma ziturirwe [kugira ntihagire abandi bazambara]. TPLF barafashe kuri video ingene ziriko ziraturirwa.

Baradutwaye ibintu vyacu twari dufise - impeta, amasaha, amahera.

Hari nk'isaha icenda ku musi wa gatanu aho twese batwuriza amakamyo, turi kumwe n'inkomere zacu, ariko nta n'umwe yari mu modoka narimwo.

Imwe imwe yose muri izo kamyo yarimwo abantu 500, novuga ko mu amakamyo yose yarimwo abashika 9.000. Twari twicaranyeko gushika tuvuye i Abiy Addi nk'isaha zitanu z'ijoro.

Twamaze amasaha menshi duca mu tubarabara duto duto gushika aho ingabo karuhariwe za TPLF - bari baherekeje izo kamyo - batwururukiriza ku ruzi rwa Tekeze, ku rubibe Tigray ihana n'intara ya Amhara.

Twaciye dutambuka amasaha 16 kugira dushike mu gisagara ca Sekota i Amhara.

Ubu turi mu ruzitiro rw'igipolsi muri ico gisagara. Tugaburirwa neza kandi turakurikiranwa neza. Abakomeretse bariko baravurwa mu bitaro, inyuma y'indwi zirenga zitatu habaye ico gitero.

Narumvise ko bapfiriye mu nzira, ibiziga vyabo babisigaho.

Caporal Ibrahim Hassan:

Nari maze imyaka umunani mu gisirikare. Narabaye n'i Adigrat, ariko mu yindi kambi. Nari kw'izamu mw'ijoro ry'uwa gatatu mu kwezi kwa cumi na rimwe, ncunze ikambi kuva isaha zine z'ijoro gushika isaha zitandatu z'ijoro. Bamwe mu basirikare bari bamaze kuryama.

Nkiheza izamu ryanje, numvise urwamwo rw'amasasu. Sinibaza icoba kibaye. Naciye nja kuraba.

Abasirikare ba TPLF hamwe n'iyindi migwi yitwaje ibigwanisho bari bamaze kuzunguruka ikambi yacu, bamaze no kwinjira. Benshi muri twebwe twari imbokoboko.

The Tekeze River marks the border between the Tigray and Amhara regions

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uruzi rwa Tekeze ni rwo rubibe hagati ya Tigray n'akarere ka Amhara

Bategetse abasirikare na jewe ndimwo kwishikana. Twaranse, tuvuga ko ata musirikare w'igihugu yokwishikana kubacungera akarere. Ariko mu nyuma twarakurikije amabwirizwa y'abadutwara bo mu bwoko bw'aba Tigray.

Twugaraniwe mw'ikambi gushika itariki 6 z'ukwezi kwa cumi na rimwe. Ingabo za TPLF baciye badutwara mu makamyo baduciyemwo imigwi mito mito, i Idaga Hamus, ku birometero 26 uvuye aho twari turi. Twaciye dupfungirwa aho indwi yose hanyuma tujanwa i Abiy Addi.

Aho, twahasanze abantu benshi bashigikiye reta, mu gipolisi, mu gisirikare no mu basirikare bagwanira mu kirere.

Twaciye tugaburwamwo imigwi, dushirwa mu bibanza bitatu bitandukanye -ikambi ya gisirikare, ishure igirirwamwo imyimenyerezo hamwe no mu ruzitiro.

Nta mazi yo kwoga yari ahari, n'amazi yo kunywa yari make. Vyasa n'uko bashaka ko dupfira muri ubwo bushuhe.

Twaraye mu vyumba bito bito, mu buryo bubi cane.

Hanyuma inyuma y'indwi zitatu zirenga, twahitishijwemwo ibintu bitatu - mu gihe twoba twari dufise abapfasoni n'abana i Tigray, twashobora kubaho nk'abasivire, canke tukaja mu gisirikare ca TPLF canke kuvayo tukagenda. Benshi bahisemwo ico ca gatatu.

Ariko abakora mw'itumatumanako, abashobora gukoresha inkoho ziremereye hamwe n'abategetsi bakuru mu gisirikare bategetswe kugumaho.

'Ivyambarwa vy'agaciro vyaribwe'

Nkora mw'itumatumanako kw'irado ariko narabeshe ku kazi nakora nca nshobora kuvayo.

Nibaza ko twasizeyo abari hagati ya 3.000 na 4.000, abandi boba bashika 9.000 twarashoboye kuvayo.

Twapakiwe mu makamyo yoba ashika nka 28 tugira urugendo rw'amasaha menshi, duca mu bugaragwa, gushika ku ruzi Tekeze.

Urugendo rwari rugoye cane. Bamwe mu basirikare barakorotse ku makamyo bavunika amaguru. Abandi baragwara.

Soldiers had been helping farmers in Tigray fight locusts not long before the conflict began

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abasirkare bahora bafasha abarimyi muri Tigray kugwanya inzige imbere gato y'uko intambara yaduka

Ariko ubu turi i Sekota.

Bamwe mu basirikare ntibashima ingene habaye igikorwa co kubatabara, ariko barategera ko ibintu bitari vyoroshe.

Cabaye igitero gikomeye kigizwe ku ngabo z'igihugu.

Abasirikare bari mu zindi kambi bavuga ko ingabo za TPLF zivye amasaha n'ikufe vy'abasirikare bapfuye. Baranatwaye imyambaro yabo basiga ibiziga biri gusa.

Mu myaka umunani nari maze i Tigray, sinigeze nibaza ko ivyo bintu vyoshika. Indwi imwe imbere y'aho, twariko turafasha abarimyi kwimbura umwimbu wabo no kugwanya inzige.