Tigray: Ethiopia igabisha ko ishobora gukoresha inguvu zose za gisirikare mu kurwanya TPLF

Ahavuye isanamu, AFP
Ethiopia iragabisha ko ishobora "kukoresha ubushobozi bwayo bwose bwa gisirikare" mu kurwanya inyeshamba zirwanira mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bw'igihugu, inyuma y'uko zibandanije zisugereza ubundi burere.
Izi nyeshamba zarigaruriye igisaga ca Lalibela, umurage mpuzamakungu wa UNESCO, mu ntara ya Amhara ihana urubibe na Tigray, hirya y'ejo ku wa kane.
Reta ivuga ko mu gihe inyeshamba nazo zitogira ico zikoze ku gahengwe yatanze kugira ngo ibikorwa vy'ubutabazi bibandanye, bishobora kuyituma "yegeranya ikarungika inguvu zose za gisirikare z'igihugu".
Intambara zarongerekanye kuva mu kwa gatandatu, igihe izi nyeshamba zihurikiye mu muhari TPLF (mu majambo yose ikaba ari "Tigray People's Liberation Front") n'incuti zawo, bigaruriye hafi intara yose ya Tigray mu gitero cari gikomeye.
Igisirikare c'igihugu caciye kiva muri iyo ntara kinatangaza ko gihagaritse intambara.
Ariko, inzira zose zinjira muri Tigray zokoreshejwe mu bikorwa vy'ubutabazi zagumye zugawe, abategetsi b'igihugu nabo babandanya barondera abarwanyi.
Mu gihugu cose harabaye amakoraniro yo guhimiriza abanyagihugu kwiyandikisha ngo baje kurwanya izo nyeshamba.
Izi nyeshamba zisaba ko haba ibiganiro vyo kurangiza intambara, ariko ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'ico gihugu buvuga ko ivyo zakoze ari ububegito.
Mw'itangazo bwasohoye, buvuga ko umuhari TPLF washize "reta mu bigeragezo kugira ngo urabe aho kwihangana kwayo kugera".
Buvuga ko ari ngombwa koreta ihindura amayeri yayo mu gukingira igihugu inyuma y'aho ifatiye ingingo yo guhagarika intambara kugira ngo habe ibikorwa vy'ubutabazi.












