Ethiopia – Tigray: Abiy Ahmed yemeye ubwa mbere ko ingabo za Eritrea zinjiye muri Tigray

Ni ubwa mbere Abiy Ahmed yemeye ko ingabo za Eritrea zinjiye muri Tigray

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ni ubwa mbere Abiy Ahmed yemeye ko ingabo za Eritrea zinjiye muri Tigray

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, yemeye ubwa mbere ko ingabo z'igihugu kibanyi ca Eritrea zagize uruhara mu ntambara yo mu ntara yo mu buraruko ya Tigray.

Amezi n'amezi yari aheze ibihugu vyompi bihakana ko izo ngabo zajabutse urubibe.

Ashikiriza ijambo inama nshingamateka ya Ethiopia, Abiy yavuze ko yavuganye n'abategetsi ba Eritrea ku bijanye n'ibivugwa ko izo ngabo zo muri Eritrea zakoze amarorerwa muri Tigray.

Ntiyemeye ko ingabo za Eritrea zinjiye mu bisagara vya Ethiopia, aho amashirahawe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko zakoze amarorerwa harimwo kwica abanyagihugu basanzwe batagira ibigwanisho (aba Civil) .

AbanyaEthiopia ibihumbi n'ibihumbi barataye izabo kuva iyo ntambara itanguye mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Ku bantu benshi bihweza ivyo muri ico gihugu, vyagaragaye kera ko Abiy yagiranye amasezerano n'umukuru wa Eritrea kugira bashire inguvu hamwe birukane umwansi bahurirako - reta y'intara ya Tigray.