Ethiopia Tigray: Ubwoba bw'inzara ikomeye

Addis Sissay, 49, imbere y'inzu yiwe yasambuwe mu kigwati ca Bisober, mu ntara ya Tigray muri Ethiopia mu kwa 12 mu 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Intambara muri Tigray yasambuye vyinshi

''Abantu ibihumbi n'ibihumbi bashobora kubura ico barya gushika aho bapfa'' mu ntara ya Tigray yo muri Ethiopia, nk'uko bivugwa n'umutegetsi wo muri reta mu rwandiko rwanyereye rw'icegeranyo yafashe ari mu nama y'amashirahamwe afasha abari mukaga.

Ubu ikigo ca reta co guhuza ibikorwa vyihutirwa muri Tigray(ECC) kiriko kiriga ibikenewe inyuma y'intambabara iheruka muri iyo ntara.

Reta ya Ethiopia yavuze ko yatsinze intambara mu mpera z'ukwa cumi na rimwe.

Ariko intambara ya rimwe rimwe yarabandanije, nayo ONU ikaba ivuga ko abantu bari mu kaga ''bikomeye''.

Iryo shirahamwe mpuzamakunugu rivuga ko ivyegeranyo vyerekana ko ata vyo kurya biriho canke ko ari bike cane mu masoko ku buryo hashobora kuba ingaruka z'ukurya nabi.

ECC kivuga ko abantu miliyoni 4.5 bakeneye indaya vyihuta muri Tigray hakurikijwe igiharuro kiri mu cegeranyo ca ONU. Intara ya Tigray iharurwamwo abantu bose hamwe bari hagati ya miliyoni 5 na 7. Abarenga 500.000 bahungiye muri Sudan bihana urubibe.

Uwuserujkira Ethiopia i Lomdres yavuze mw'itangazo ko abategetsi bashaka gufasha abo bose babikeneye.

Itangazo rivuga riti: ''Reta ya Ethiopia yiyemeje gukorana n'abo bose bafasha abari mu kaga no mw'iterambere kugira duhangane n'ibibazo bihari bishobora kubuza ko imfashanyo zishikira ata ngorane abantu bose babikeneye''

ONU ivuga ko gushika ubu gushika hari ibice bimwe bimwe vya Tigray bitarekuwe guhikamwo ariko ko imfashanyo zimwe zimwe zishika.

Guhanahana ubutumwa mu gice kinini c'iyo ntara biracagoye kuko imirongo ya telefone na internet yacitse, bigatuma bigorana guhinyuza ibivugwa.

'Abantu bapfa basinziriye'

Hisunzwe urwandiko rw'ivyo yafatiye mu nama ya ECC yabaye ku wa 8 ukwezi kwa mbere, umutegetsi wo mu rwego mfatakibanza rutwara Tigray ''avuga ko ibintu muri iyo ntara bimeze nabi cane''.

''Ivyo kurya n'ibitari ivyo kurya n'ubundi buryo bwo kubaho vyarasahuwe canke vyarasambuwe. Yanavuze kandi ko hamwe imfashanyo yihuta itokwegeranywa, abantu ibihunbi n'ibihumboi bashobora kwicwa n'inzara''

Impunzi z'abanyaEthiopia

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abanya Ethiopia bo muri Tigray 500.000 bahungiye mu makambi y'impunzi muri Sudan

Uwo mutegetsi bivugwa ko yagize ati : "Abantu barapfa kubera kubura ico barya. Mu karere ka Adwa abantu barapfa basinziriye''.

Ingabo za Ethiopia zinjiye muri Tigray mu kwezi kwa 11 kugira zirukane umugambwe watwara iyo ntara inyuma yaho ingabo zawo zigaruriye amakambi ya gisirikare ya reta mpuzantara''.

Ministre wa mbere Abiy Ahmed ashimika avuga ko igisirikare cakoresheje inguvu zari zikenewe gusa kugira zisubize ibintu mu buryo hanyuma 'akagwi nk'inkorabnara' nako gashirwe imbere y'ubutungane.

Kuva mu mpera z'ukwezi kwa 11, hari ibikorwa vyo guhiga ahinyegeje abahora batwara umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF) barahiye ko bazobandanya urugamba inyuma y'aho hafatiwe umurywa mukuru w'iyo ntara.

Ku wa gatanu umukuru w'igisata kijejwe imigenderanire mw'ishirahamwe rya Buraya Josep Borrell yavuze ko uko ibintu bimeze ku rubuga vyarenze igikorwa co gusubiza ibintu mu buryo