Ethiopia: Onu irasaba gushikira abakeneye imfashanyo muri Tigray

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko rikeneye vyihuta gushikira abantu ibihumbi n'ibihumbi bari mu kangaratete muri Tigray mu buraruko bwa Ethiopia.
Ishami rya ONU rijejwe abana kw'isi, Unicef, rivuga ko amabarabara akwiye kwugururwa, indege zizana imfashanyo nazo zikarekurirwa kuzana imfashanyo za nkenerwa, muri iki gihe abana barenga 30.000 bageramiwe n'urupfu.
Uwuserukira Unicef, Adele Khodr yabwiye BBC ati: "Turakeneye kandi ko hasubira kuba itumatumanako, umuyagankuba ukagarukanwa kandi tugashobora gushikira abantu bakeneye imfashanyo."
Umutegetsi wo muri reta ku mugwa mukuru Addis Ababa yavuze ko abasirikare bashobora gusubira kwigarurira umugwa mukuru wa Tigray, Mekelle, mu ndwi zitatu mu gihe vyoba ngombwa.
Ico gisagara cafashwe n'abagwanyi ku musi wa mbere.
Igisirikare kivuga ko cavuye muri ico gisagara kubera gikeneye kwitegurira ibindi bikigeramiye, kandi ko abagwanyi bo muri Tigray batakiri ikibazo.






