Tanzania yakiriye incanco za mbere za Covid-19 zitanzwe na US

Ahavuye isanamu, US STATE DEPT/TWITTER
Tanzania yahawe doze zirenga umuriyoni w'incanco za Johnson &Johnson mu mugambi Covx w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, wo kurwanya ca kiza karanda ca Covid-19.
Ni muri wa mugambi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika wo gufashisha umugabane wa Afrika incanco zigera ku miriyoni 25.
Nk'uko bimeze mu bindi bihugu, abazoronka ubwa mbere izi ncanco ni abakora mu bisata bijejwe ubuvuzi hamwe n'abo bandi bose baboneka ko bashobora kwanduzwa uwu mugera ningoga.
Ku rubuga rwayo rwa Twitter, ubuserukizi bwa Amerika muri Tanzania buvuga ko bwahaye reta ya Tanzania izo ncanco bubicishije mu mugambi wa Covax, bukoranye kandi n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika.
Uwuserukira Amerika muri ico gihugu Donald J Wright, avuga ko bariko barakwiragiza izi ncanco kugira no barokore ubuzima mu gufata iya mbere mu rugamba rwo gutuza iki kiza.
Itangazo ryasohowe n'umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu wa Tanzania ryaciye mu kinyamakuru The Citizen muri ico gihugu, rivuga ko reta yiteze kuronka ubwoko bune bw'incanco zirindiriwe mu kiringo c'amezi atatu gushika kuri ane ari imbere.
Uru rucanco rutangwa kuri doze imwe gusa ruzotangwa ku buntu mu bitaro vyose vya reta.
Abazoba bafise ingendo mu mahanga nabo nyene bazohabwa uru rucanco ariko babanje kuriha.
Hari haciye indwi zibiri izinga rya Zanzibar ry'ico gihugu ryaratanguye isekeza ryo gucandaga rikoresheje rwa rucanco rw'ahingurwa n'Ubushinwa, Sinovac.
Gushika ubu ariko nta biharuro vyerekana abamaze gucandagwa, canke igitigiri c'izo ncanco zatanzwe na reta y'Ubushinwa.
Tanzania yari imaze igihe kitari gito idatangaza ibitigiri vy'ingene coronavirus yifashe mu gihugu kuva mu 2020 gushika mu kwa gatandatu uno mwaka, haciye amezi make Perezida Samia Suluhu yimitswe nk'umukuru mushasha w'ico gihugu.
Uwo yasubiriye, umuhisi John Pombe Magufuli, yari umwe mu bategetsi b'isi batabona kumwe n'abandi ibijanye na Covid, akaba yari yariyamirije incanco.
Iki gihugu ubu kimenyesha ko gihanganye n'igihuhusi kigira gatatu ca Covid.
Eritrea n'Uburundi ni vyo bihugu vyonyene ku mugabane wa Afrika bitarasaba incanco muri wa mugambi Covax canke muri wa mugambi w'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, uzwi nka Vaccine Acquisition Trust.










