Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Museveni ati: igi Swahili kirashobora gushira hamwe Africa
Perezida Yoweri Museveni wa Uganda ahamagarira Abanyafrika gukoresha igiswahili kugira bafashe gushira hamwe uyu mugabane.
Mw'ijambo ryiwe ku musi wahariwe Ukwishira hamwe kwa Afrika, umusi wo kurabira hamwe intambwe imaze gushikwako mu guhuza uyu mugabane, Perezida Museveni avuga ko igiswahili ari "ururimi ataho rwegamiye ku buryo rushobora kudushira hamwe, si ururimi rwegukira ubwoko ubwo ari bwo bwose, kandi nta muntu n'umwe arwiharije".
Muri iryo jambo ryiwe, arababazwa n'uko Abanyafrika badashize hamwe.
Asigura amajambo yiwe aciye ku rubuga rwa Twitter, yanditse: "Burya Abanyafrika turi bamwe, nta mvo n'imwe yotuma tutaba umwe. Biroroshe ko Abanyafrika bishira hamwe kurusha Abanyaburayi, ariko igitangaje ntiturafata aka karyo".
Nk'ururimi atari iragi ryasizwe n'Abanyaburayi, Igiswahili gikunzwe gukoreshwa mu kibanza c'icongereza, igifaransa canke igiportugali nk'uburyo bwo kuyaga mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika.
Ariko iki ciyumviro ntikiritabirwa ku buryo buhagije.
Igiswahili ni ururimi rw'igihugu mu bihugu vya Tanzania, Kenya na Uganda vyo mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko uhuriyemwo Kenya, Uganda, Tanzania, u Rwanda, Uburundi na Sudani y'Epfo.
Igiswahili kandi kiriko kigenda gikwiragira mu turere tw'ubumanuko, uburengero n'uburaruko bwa Afrika.