Tokyo 2020: CNO- Burundi ivuga ko Francine Niyonsaba adafashwa kuko hari ivyo atakwije

Umunonotsi w'umurundi Francine Niyonsaba aridoga ko komite olempique y'Uburundi (CNO) idafasha abanonotsi kwitegura mu gihe hasigaye indwi zibiri ngo inkino olempique ya Tokyo zitangure.

Mu butumwa yashize kuri Facebook, Niyonsaba avuga ati: "Mugabo ntibizontangaza kubona abaherekeza abanonotsi baba benshi kurusha abitanze kugira baserukire igihugu, none bazoba batugiye inyuma gukora iki?"

Salvator Bigirimana umunyamabanga mukuru wa CNO wewe avuga ko Niyonsaba adafashwa kubera hari ivyo atujuje imfashanyo yahabwa igahagarikwa, ko abandi bari kwitegura bobo babafasha.

Niyonsaba, umurundi wa kabiri mu mateka wahaye igihugu ciwe ikidari olempike mu gusiganwa ku maguru mu bagore, ntiyavuze birambuye ingene we ubwiwe canke abandi banonotsi badafashwa.

Bigirimana avuga ko imbere y'amahiganwa olempike hariho imfashanyo abanonotsi baronka ku kwezi ku kwezi mu mezi 18 CNO ikayibaronsa ivuye muri Comité International Olympique, (CIO).

Ariko ko iyo mfashanyo idahabwa abagiye mu mahiganwa olempike yabanje canke abamaze kubona minima zo kujayo. Ati: "Ni abandi baba bagikeneye kuja mu mahiganwa kugira ngo barabe ko nabo boshika kuri urwo rwego."

Abanonotsi baronswa iyo mfashanyo Bigirimana avuga ko bategerezwa kugenda bakora ivyo basabwa bagatanga na raporo zavyo.

Ati: "Mugabo ku rwego rwa Africa naho hari abaronka imfashanyo, kandi na Francine yarimwo, hanyuma kubera atakoze ibisabwa ngo aze aratanga raporo, ngo agende mu mahiganwa basaba, iyo mfashanyo yiwe barayihagaritse, no muri federation yiwe barabizi."

Haraheze hafi amezi abiri Francine Niyonsaba abonye minima zo kuja mu nkino olempike. Bigirimana ati "azoheza aronke mubandi ivyo baba bateguye."

Bigiramana avuga ko igitigiri c'abaherekeza abanonotsi mu nkino olempike atari igihugu kigishirako.

Ati: "Hariho 'logiciel' ushiramwo abanonotsi bari qualifié igaca iguha igitigiri c'ababaherekeza, abo rero kandi si abo muri CNO ni abo muri federation y'iwabo.

"Hari umunonotsi yoshika ku rwego urwo arirwo rwose atagira umumenyereza? Atagira president wa federation? Umuntu siwe yigira, umunonotsi agirwa n'urwego arimwo akagirwa n'umumenyereza, n'ubushobozi bwiwe."

Francine Niyonsaba agaragaza ko ariko yitegurira izi nkino: