Tokyo 2020: Ornella Havyarimana yipfuza guha u Burundi umudari olempike wa gatatu

Ornella Havyarimana ariteguye kuba umurundi wa mbere akina umukino wa Boxe agiye guserukira igihugu ciwe mu mahiganwa olempike azobera i Tokyo mu kwezi kuza.

Kw'igenekerezo 25/07 Havyarimana azotangura guhiganwa n'abigeme bashika 25 bo mu bihugu 25, barimwo na Christine Ongare umunyakenya baheruka kurushanywa mu kwezi kwa gatatu i Kinshasa.

Havyarimana, yaronse ikibanza mu mahiganwa olempike ku butumire mu gihe atari yashoboye kuronka ico kibanza mu mahiganwa yo kukironka muri Africa.

Umumenyereza wiwe avuga ko ico kibanza bakimenyeshejwe muri iyi ndwi "bisa n'ibitevye gatoya" ariko Ornella n'ubundi yari asanzwe abandanya imyimenyerezo.

Inkuru y'uko Ornella azoja i Tokyo yaramuryoheye cane, kuko yasanze ari mu myiteguro yo kurondera ikibanza mu mahiganwa nk'aya azobera i Paris mu 2024, ati: "Nari nagumye ku kivi, n'ubu nguma mbandanya".

Ornella yabariye BBC ko guserukira Uburundi ubwa mbere muri Boxe mu mahiganwa olempike ari intango izobera abandi barundikazi akarorero keza.

Ati: "Ni irya mbere ngiye muri Jeux Olympiques, kuva boxe itangura mu Burundi ntiyari bwinjire muri ayo mahiganwa ni jewe ngiye gutangura, ni umunezero ntangere."

Eric Ndayishimiye arongoye ishirahamwe ry'urukino rwa Boxe mu Burundi avuga ko ari "iteka n'akanyamuneza" ko bashoboye kuronka umuntu azoserukira urwo rukino muri izo nkino.

Ornella Havyarimana ni inde?

  • Ari muto yakunda inkino zo kwiruka, yakunze boxe kubera kuyiraba kuri TV
  • Mu 2013 niho yatanguye boxe i Bujumbura
  • Mu 2018 Godebert Nduwimana umuvyeyi wiwe yabwiye BBC ko agitangura bamubuza "ariko agatoroka akagenda muri iyo sport"
  • Ati: "Mu nyuma turavuga tuti 'niyo mpano yiwe twe turaretse abandanye'."
  • Ornella ahiganwa mu bari munsi ya 51Kg
  • Aramaze gutwara ibidari vy'umwakaka mu mahiganwa mpuzamakungu atandukanye
  • Ku myaka 24, niwe murundikazi wenyene ahiganwa muri Boxe ku rwego mpuzamakungu

Azohiganwa n'abakomeye

Kuva igenerekezo rya 23 z'ukwezi gutaha abanonotsi beza kw'isi barenga 11,000 bo mu bihugu 205 baritezwe guhiganwa i Tokyo mu nkino zishika 50 zitandukanye.

Buri munonotsi ashika hariya ni uko aba afise ivyo yerekanye ko ashoboye nk'uko Eric Ndayishimiye abivuga, ariko kandi ngo arizeye ko Ornella azoseruka neza.

Joseph Nkamicaniye umumenyereza wiwe avuga ko Ornella yabandanije yitegura n'aho atari yaronse 'qualifications' y'aya mahiganwa ya Tokyo.

Ati: "Ntiyari yigeze ahagarika imyimenyerezo kuko no mu mezi abiri aheze yaheruka mw'ihiganwa rya Africa ryabereye i Kinshasa urumva ntiyigeze ahagarika imyimenyerezo.

"Mu ndwi zisigaye turiko tumutegura kugira 'endurance, souffle na technique', twongera kandi tumuha na morale kuko abo bazohura i Tokyo bahora bahurira mu mahiganwa y'isi'.

Ndayishimiye nawe avuga ko ata nkeka afise ko Ornella ashobora "kuvyitwaramwo neza i Tokyo kuko ni ibintu amenyereye".

Ati: "Yaragiye mu mahiganwa y'isi muri Korea, n'i Delhi mu Buhinde, yaragiye i Thailand, yaragiye mu Burusiya, yarahiganywe no mu mahiganwa ya Africa muri Gabon na Kinshasa".

Azovana umudari w'umwakaka i Tokyo?

Mu 1996, ubwa mbere Uburundi buseruka mu mahiganwa olempike i Atlanta muri Amerika, Vénuste Niyongabo yateye iteka igihugu ciwe atahukana umudari w'inzahabu mu gusiganwa 5,000m.

Imyaka 20 inyuma yaho Francine Niyonsaba yabaye uwa kabiri mu gusiganwa 800m mu bigeme mu mahiganwa olempike ya Rio de Janeiro 2016, atahukana umudari w'ifeza.

Ornella yiyumvira ko bishoboka ko uretse kuba uwa mbere aserutse muri boxe yonaba uwa gatatu ateye iteka Uburundi agatakana umudari wa wa olempike.

Ati: "Hariya nzokora vyose bishoboka kugira ntahane umudari kubera bariya tuzohura bose ndabazi, dusanzwe duhurira mu mahiganwa y'isi."

Nkamicaniye amumenyereza avuga ko hariya haseruka abantu bakomeye ariko na Ornella "azoseruka yazikenyeye".

Ati: "Nubwo usanga hatabuze intambamyi zimwe zimwe, turiko turamutegura mu buryo bwose. Turavuga ngo ntiworirimba intsinzi utarashika ku kivi, ariko umudari nawo ashobora kuwutahukana."

Ndayishimiye wewe ati: "Turanezerewe cane haba twebwe muri federation canke Abarundi bose ko Ornella agiye kuduserukira, twogira Imana akazana umudari vyotuma igihugu kigira izina ryiza gusumba."