Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Uko Gynette Kamwemwe abasha gukina imikino itatu mu mirwi yo mu gice ca mbere
Inkuru ya Marc NIYONKURU
Gynette Kamwemwe batazira Ngorore akina mu mirwi yo mu gice ca mbere mu mikino ya Football, Volleyball na Basketball, eka akanaba mu mirwi nserukiragihugu. Bakeya cane nibo bashobora ivyo nk'uko umumenyereza abivuga.
Gynette w'imyaka 20 gusa, ni kizigenza w'umurwi w'umupira w'amaguru Faufila-PF, ni umusatirizi mu muri Aigre noir ya Volleyball, akaba n'icegera ca kizigenza mu murwi wa Basketaball wa Muzinga.
Avuga ko akiri muto yatanguye gukina umupira abonye wose. Umumenyereza amuzi avuga ko bidasanzwe kubona abakinyi nk'uyu, bashobora no kubifatikanya n'amashure.
'Ngorore' ukunda cane umupira w'amaguru, yishimira cane ko yamaze kuduza ibendera ry'u Burundi mu makungu, kandi ngw'arakeneye gushika kure kuruta.
Mu 2013, mu ihiganwa mpuzamakungu rya Volley beach, umurwi nserukiragihugu w'u Burundi yarimwo wararonse ikibanza ca kabiri.
Gynette ariko ubu yabaye ahagaritse amahiganwa muri Basketaball kubera "utubazo duto duto turi mu gisata kijejwe amahiganwa ku rwego rw'igihgu" twatumye amahiganwa adindira umwaka wose.
Kubishikako ntivyari vyoroshe?
Yakuriye mu Ngagara mu mujyi wa Bujumbura aho yahora abona abasirikare bakina mu mugwi wa Muzinga. Ati: "Bahejeje gukina baca batwigisha gukina umupira".
Mu nyuma niho yagiye agerageza iyindi mikino. Ati: "Ukwo mbonye umukino nagira nti 'Reka ndabe ko ntashobora uwu nawo kandi'."
Gynette Kamwemwe avuga ko kubera imigenzo itorohereza rimwe na rimwe Abarundikazi ubwa mbere abavyeyi biwe batagomba ko aja gukina kuko bikeka ko vyomubuza kwiga.
Avuga ko mu nyuma bamuretse kuko babona ko atunganya neza umwanya wa buri kimwe, akabasha kubikora vyose.
Daniella Niyibimenya, umumenyereza mu mupira w'amaguru, avuga ko Kamwemwe afise impano yo kumenyera n'ingoga umukino uwariwo wose.
Yemeza ko bidakunze kuboneka ko abigeme bakina imikino itandukanye ku rwego rukuru nka 'Ngorore'.
Niyibimenya avuga ko igihambaye ku banyeshule bakina imipira itandukanye vyama bikenewe ko bakuriranwa cane kugira amahiganwa ntabasubize inyuma mu vyigwa.
Ashima ko Gynette Kamwemwe yisigura neza muri kaminuza yigamwo.