Burundi – Rwanda: Ni igiki kigiye gukurikira inyuma y'amajambo meza?

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE
Imigenderanire y'u Burundi n'u Rwanda imaze imyaka itandatu yifashe nabi, ariko guhera kw'igenekerezo rya mbere uku kwezi biraboneka ko igomba gufata intumbero nshasha.
Inyuma y'uko u Rwanda rurungitse umushikiranganji wa mbere mu birori vyo guhimbaza isabukuru igira 59 y'ukwikukira kw'Uburundi, Perezida Evariste Ndayishimiye yavyise "igitangaza", akavuga ko ibihugu vyompi bigomba kwandika "ikigabane gishasha mu migenderanire yavyo".
Ariko inyuma y'ibi, Abarundi n'Abanyarwanda babandanya kwibaza niba ibibazo vyariho biheze, mbere bakibaza ikigiye gukurikira inyuma y'amajambo meza.
Cyprien Mbonimpa yahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu w'Uburundi avuga ati: "Mu gifaransa bavuga umugani ngo 'une hirondelle ne fait pas le printemps'… ubu ntiwovuga ngo vyose biratunganye".
Abantu ibihumbi vyinshi barahomvye cane mu budandaji n'imigenderanire hagati y'ibi bihugu bisangiye vyinshi kubera imishamirano ya politike hahati ya Kigali na Gitega.
Uburundi bwagiriza u Rwanda guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi bw'umuhisi Presida Pierre Nkurunziza, u Rwanda narwo rukagiriza Uburundi guha inzira abagomba gutera ico gihugu.
Avuga ku kibazo bafitaniye n'u Rwanda mu ntango z'ukwezi kw'umunani umwaka uheze, Perezida Ndayishimiye yagize ati: "Ntitwifuza y'uko tugirana imigenderanire n'igihugu gikoresha uburyarya, igihugu c'iciyorobetsi".
Kuri ivyo, u Rwanda rwishuye ko rwabonye Uburundi "ata bushake bwo kubana neza n'u Rwanda bufise". Gusa munyuma abategetsi mu gisirikare n'abashikiranganji barahuye ku mbibe z'ibi bihugu barayaga.

Mbonimpa abona ko intambwe yatewe kw'itariki ya mbere z'uku kwezi ari "ikintu co gushimira abakuru b'ibihugu bompi…, ni ikintu ciza cane."
Ibibazo biraheze?
Mbonimpa avuga ko ubu ata wovuga "ngo vyose biratunganye" kuko ibibazo bikiriho, avuga ati: "Hariho umugani baca mu gifaransa ngo 'une hirondelle ne fait pas le printemps (mu kirundi wosigura uti: intamba imwe ibonetse ntibisigura ko urushana ruheze)'.
Yongera ati: "Si ubwa mbere u Rwanda n'uburundi tugira ibibazo hagati yacu, kuva twikukiye haragiye haraba ibibazo vyo kutumvikana mugabo ikintu cagumye kiriho ni uko abakuru baguma bavugana, babonana.
"Bigatuma n'ubwo habaho ibintu badahuje ata ntambara yigeze iba hagati y'u Rwanda n'Uburundi ngo baterane, barwane."
Mbonimpa avuga ko urugendo rw'umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda rwerekana ko abakuru b'ibihugu bariko barayaga ku bibazo biriho ngo babitorere inyishu.
Ni igiki gikurikira?
Abarundi n'Abanyarwanda bariteze cane igihe bazongera kugenderanira, gukorana ubudandaji nka mbere ya 2015. Niyo nyungu niniya biteze yova ku banyepolitike babatwaye.
Ariko biraboneka ko hari ibizobanza kuba kugira bigere kuri urwo rwego.
Mbonimpa ati: "Narumvise Perezida Ndayishimiye ashimira ko umukuru w'u Rwanda yarungitse intumwa mu birori twarimwo kandi akavuga ati 'ubucuti bugirwa n'akarenge'.
"Bivuga y'uko ko umutegetsi w'u Rwanda yaje i Burundi kumbure mu minsi iza hoba umutegetsi w'u Burundi agenda mu Rwanda.
"Hanyuma rero ibintu vyo guterana amajambo bikagabanuka ntibisubire, ibibazo ntibiheze igihambaye ni uko bakomeza kubivugana, ubuzima hagati y'ibihugu bibiri bukabandanya, Abanyarwanda bakaza i Burundi Abarundi bakagenda i Rwanda."










