Uganda - Covid19: Ibiro vy'inama nshingamateka vyugawe indwi zibiri kugira bipompwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inama nshingamateka ya Uganda yahagaritse ibikorwa vyayo mu kiringo c'indwi zibiri mu gihe ico gihugu gihanganye n'umupfunda ugira kabiri ca Covid - 19.
Mu ndwi iheze, abategetsi bavuze ko abantu barenga 100 bo mu nama nshingamateka basanze bafise coronavirus.
Itangazo rivuga ko ingingo yo kwugara iyo nyubakwa izoja mu ngiro kuva kw'itariki 28 ukwezi kwa gatandatu gushika igenekerezo rya 11 z'ukwezi kwa 11 kugira habe ibikorwa vyo gupompa iyo nyubakwa.
Umuyobozi ajejwe igikorwa co kumenyesha amakuru mu nama nshingamateka, Chris Obore, yavuze ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gukumira ko ico kibanza ciganzamwo ico kiza.
Urwo rwego rwaratunganije ibikorwa bikomakomeye bine kuva mu kwezi kwa gatanu, harimwo gutora mahera reta ikoresha, itorwa ry'umukuru w'inama nshingamateka hamwe n'ijambo ryashikirijwe igihugu cose.
Uganda ihanganye n'igitero kigira kabiri ca Coronavirus, catumye prezida Yoweri Museveni afata ingingo zo gusubira kwiyugarana mu ntango z'uku kwezi.
Hagize imisi higaragaza igitigiri kinini c'abandura iyo ngwara mu tundi duce twa Afrika y'ubuseruko.
Mu ntara ya Kisumu iri mu burengero bwa Kenya, ibice 23 kw'ijana vy'abapimwe mu ndwi iheze basanze baranduye iyo ngwara.










