Gabon: Igihugu ca mbere co muri Africa gihawe amafaranga yo gukingira amashamba yaco

Gabon cabaye igihugu ca mbere muri Afrika gihawe amafaranga kubera kugabanya imyuka yonona ikirere no gukingira amashamba cimeza yaco.

Umugambi Central African Forest Initiative (Cafi) ushigikiwe na ONU watanze miriyaridi 17 z'ama dorari - igice ca mbere ca miriyoni 150 z'ama dorari (miriyaridi zirenga 300 mu mafaranga y'Uburundi) mu mwumvikano wabaye mu 2019.

Ku rugero hafi rwa 90% , Gabon igizwe n'ishamba, rikaba rikwega imyuka ya carbone (gaz carbonique canke CO2) kuruta iyo igihugu gisuka ku kirere.

Amashamba cimeza ni kirumara mu kugabanya imyuka ihumanya ikirere igatuma ubushuhe bwongerekana kw'isi.

Gabon yashoboye kwerekana ko yagabanije guhonya amashamba gutyo igabanya imyuka yonona ikirere mu 2016 na 2017 ugereranije n'imyaka 10 yari iheze, nk'uko bivugwa na Cafi.

Kuri izo mpamvu, biciye muri Cafi, Norvege yahaye Gabon miriyoni 17 z'ama dorari ifatiye ku matoni y'iyo myuka ubundi yari kuba yisutse mu kirere.

Ayandi mafaranga kuri izo miriyoni 150 z'ama dolari azoja aratangwa ku kiringo c'imyaka cumi iri imbere.

Amafaranga yatanzwe angana na 0.1 % y'umwimbu wose wa Gabon ku mwaka ariko umushikiranganji wa mbere Lee White yabwiye BBC ko ari intambwe ya mbere ifadika.

Gabon ni kimwe mu bihugu bifise ishamba rinini cane kw'isi kandi ivyigwa vya vuba vyerekanye ko ririnda ihindagurika ry'ibidukikije kurusha mbere ishamba rya rutura rya Amazon.

N'ukubera ritononekaramwo ibiti vyinshi. Ariko igihugu carakoze cane kugira kibe kiri kuri iyi ntambwe.

Mu 2007, hashinzwe impongore kama 13 - ziri kuri 21% y'ubutaka bwose bw'igihugu ca Gabon.

Reta y'ico gihugu iherutse kandi gushira inguvu hamwe n'ikigo Environment Invvestigation Agency kugira kiyifashe gukurikirana abaca ibiti mu buryo butemewe n'amategeko hamwe n'ukutegeranya neza imbaho - ari nayo nzira ya mbere yo kurekura imyuka yonona ikirere muri ico gihugu.

Ariko ico gihugu gishaka kwinjiza amafaranga menshi avuye mu mbaho kikavuga ko kizobandanya guca ibiti no kwongereza agaciro c'ico gisata mu kurushiriza guhingurira mu gihugu ibiva muri ayo mashamba.

Ikigo co mu Bwongereza Rainforest Foundation UK, cishinze gukinigira amashamba cimeza n'amategeko ajanye n'uburenganzira bw'abanyagihugu ku butaka, cabwiye BBC ko naho guhabwa amafaranga yo gukingira amashamba ari ikintu gikomeye, ayo yatanzwe ashobora kuba gusa ''igikorwa co kumenyekana".

Cerekana icegeranyo c'umugwi ucungera ivy'amashamba Global Forest Watch cerekana ko mu 2017 habaye urugero rwa mbere runini kuruta izindi rwo kugabanuka kw'amashamba muri Gabon kuva mu 2001.

Reta ivuga ko ubugenduzi bwayo bwerekana ko igihugu gishobora kutongereza imyuka ihumanya ikirere biciye mu migambi iramba yo kubungabunga amashamba.

.