Namibia: Abashingamateka bariyamiriza amasezerano ajanye n’ihonyabwoko ryakozwe na Germany

Ingabo z'abakoloni b'Abadagi baragandaguye ibice birenga 80% vy'abanya Namibia bo mu bwoko bw'aba Herero n'aba Nama

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'abakoloni b'Abadagi baragandaguye ibice birenga 80% vy'abanya Namibia bo mu bwoko bw'aba Herero n'aba Nama

Abashingamateka batavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi muri Namibia bariyamiriza reta ku mwumvikano uherutse kuba n'Ubudagi, igihugu catwaye Namibia mu gihe c'ubukoloni.

Aya masezerano yatumye Ubudagi bwemera ko bwakoreye ihonyabwoko amoko y'aba Herero n'aba Nama, buca bwemera kuzoriha imiriyaridi 1.1 y'ama euro nk'indishi y'akababaro.

Mw'ikoraniro ry'inama nshingamateka ry'ejo ku wa kabiri ryaranzwe n'induru nyinshi, umushingamateka wo ku ruhande rw'abatavuga rumwe yavuze ko ata mahirwe baronse yo kwerekana ingaruka mbi cane iri honyabwoko ryabateye rikabata mu bukene butagira izina.

Uwundi nawe yavuze ko aba Herero n'aba Nama bakwiye kwiyamiriza aya masezerano abona ko ari ay'agasuzuguro.

Umushikiranganji wa mbere, Saara Kuugongelwa-Amadhila, avuga ko ikintu nyamukuru ari uko abanya Namibia babandanya bafatanye mu nda.

Mu ndwi iheze, icegera c'umukuru w'igihugu yavuze ko ayo mafaranga Ubudagi bwemeye gutanga adakwiye, ariko ko ikibazo kizosubira kwigwa.

Hagati ya 1904-1908, ingabo z'abakoloni b'Abadagi baragandaguye ibice birenga 80% vy'abanya Namibia bo mu bwoko bw'aba Herero n'aba Nama.

Abahinga mu bijanye na kahise bafata aya mabi y'agahomerabunwa nk' "ihonyabwoko ryibagiwe" ryakozwe mu ntango z'ikinjana ca 20, muri ico gihugu citwa Intara y'Ubudagi mu Bumanuko bushira Uburengero bwa Afrika (German South West Africa/ Afrique allemand du Sud-Ouest).

Mu kwezi guheze, Ubudagi bwasavye imbabazi kuri iri honyabwoko ryakozwe mu gihe c'ubukoloni inyuma y'ibiganiro - ikintu cari kirindiriwe imyaka n'imyaka, kandi kikaba ari co gihugu ca mbere gisavye imbabazi ku mabi nk'aya yakozwe n'iyari reta yaco ya gikoloni.