Icunamo ku basangwabutaka ba Namibia bazize ibibazo vy'amatongo

Herero, Namibia, Angela Merkel, Nama, Ubudagi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubudagi bwashikirije ibisigarira vy'aba Herero bashika 20 bagandaguwe n'abasirikare b'abadagi bari muri Namibia.

Abasangwabutaka bo muri Namibiya basubiriye kwagiriza leta y'ubudagi kuba yarananiwe gusaba imbabazi ku bwicanyi bwabagiriwe mugihe y'intwaro y'ubukoloni.

Vekuii Rukoro, umwe mu ndongozi zikomeye z'abo mu bwoko bw'aba Herero niwe yaserukiye abandi ashikiriza ijambo.

Mur'ivyo birori vyabereye i Berlin ku murwa mukuru w'Ubudagi, kwari n'ukwunamira ibisigazwa vy'abantu bimaze kwegeranywa.

Haheze imyaka irenga ijana, abasangwa butaka bo mu bwoko bw'aba Herero n'aba Nama bagandaguwe mu gihugu ca Namibiya.

Mur'iryo jambo ryiwe, Vekuii Rukoro yanamenyesheje ko leta y'Ubudagi n'iya Namibiya bakiri mu biganiro ku rwandiko rubereye rwo gusaba imbabazi.

Yanongeye ko arizo nzego zibiri zonyene mw'isi vyanse ko bahuriza kw'ijambo "ihonyabwoko".

Imvo n'imvano: ibibazo vy'amatongo

Herero, Namibia, Angela Merkel, Nama, Ubudagi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakomoka kur'abo bagandaguwe, bunamiye ababo mu Budagi

Abasangwabutaka bo mu bwoko bw'aba Herero n'aba Nama bagandaguwe mu 1904.

Ubwo bwicanyi bwavuye ku kaguma kakurikiye imyiyerekano yo kwiyamiriza abadagi babanyaga amatongo.

Mu kubica, bamwe babata mu bugararwa bakicwa n'inyota n'inzara.

Abandi bapfiriye mu ma kambi baba begeranirijwe mwo.

Mu kubibuka, bama basaba leta y'Ubudagi na Namibiya kubatunganiriza.

Ubudagi bwo banabusaba kubarungikira ibisigazwa vy'ababo.

Uguhambanwa iteka

Herero, Namibia, Angela Merkel, Nama, Ubudagi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku rwego rw'ibihugu, umushikiranganji wa leta w'Ubudagi hamwe n'uw'inyigisho wa Namibia, nibo bateye iteka ivyo birori

I Windhoek, umurwa mukuru wa Namibiya, niho hashingurwa ivyo bisigarira bitahukanwa, ivy'imfata kibanza.

Ni ikibanza, cubatse mu bwoko bw'uruhapfu, catunganijwe mu buryo bw'icubahiro n'iteka.

Utubati dukozwe mu vyuma nitwo tubitswe mwo ibisigarira vy'abantu, birwiriye mwo uduhanga tw'abazize ubwo bwicanyi.

Ibisigarira vyaratahanywe mu 2011 no mu 2014.

Ibirori vy'i Berlin bibaye mu gihe umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Angela Merkel ari mu rugendo muri Afrika.

Urwo rugendo yaruhereye muri Senegal, aho bitegekanywa ko nawe asaba imbabazi ku bwicanyi abadagi bakoreye abanye Senegal.