Menya imirwi y'umupira w'amaguru ubu itunze kurusha iyindi kw'isi

Liverpool yigina intsinzi yayo ya Premier League

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Liverpool yatsindiye Premier League ku ncuro ya 20 mu mwaka w'inkino uheze wa 2024-2025.
    • Umwanditsi, Mandeep Sanghera
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC

Nk'uko biri ku rutonde rw'ikigo Deloitte ciga ku bijanye n'ubutunzi hamwe n'iterambere, Liverpool ni yo iza imbere y'iyindi mirwi yose yo mw'ihiganwa ry'Ubwongereza, Premier League, ku ncuro ya mbere, ikaba iri mu kibanza ca gatanu kuri uru rutonde.

Uno murwi watsindiye iri higanwa ku ncuro igira 20 mu mwaka uheze, uca winjiza amafaranga angana n'imiriyoni 836 z'ama-euro (amafaranga y'Abanyabulaya), ukaba wasumbije iyindi mirwi yose y'umupira w'amaguru yo mu Bwongereza.

Manchester United ni yo yamanutse cane aho yavuye ku mwanya wa kane ikagera ku mwanya wa 8, ari wo mwanya wayo uri hasi cane mu myaka itari mike, kuri uru rutonde rw'iki kigo, Deloitte Football Money League.

Real Madrid yo muri Espagne, ni yo yongeye kuza ubwa mbere kuri uru rutonde rw'imirwi itunze kurusha iyindi kw'isi, n'agaciro kangana n'imiriyaridi 1.2 y'ama-euro, nubwo mu mwaka uheze itigeze itsindira ihiganwa rya Bulaya Ligue des champions, canke irya Espagne, la Liga.

Imirwi itandatu ya Premier League iri muri cumi ya mbere kuri uru rutonde, 15 na yo ikaba muri 30 ya mbere, ibi bikerekana ubukomezi bw'iri higanwa ry'Ubwongereza.

Hagati aho, ni bwo bwa mbere bishitse aho ata murwi n'umwe wo muri Premier League ubaye muri ine ya mbere mu butunzi.

Barcelona yo muri Espagne ni yo iza ubwa kabiri, ikaba yinjiye muri zitatu za mbere ku ncuro ya mbere kuva mu mwaka w'inkino wa 2019-2020, inyuma yo kwinjiza imiriyoni 975 z'ama-euro, nubwo mu mwaka uheze ata rukino rwabereye ku kibuga cayo Camp Nou kubera ibikorwa vyo kugisanura.

Bayern Munich yo mu Budagi iza mu kibanza ca gatatu ku miriyoni 861 z'ama-euro, igakurikirwa na Paris Saint-Germain yo mu Bufaransa yatsindiye Ligue des champions mu mwaka uheze, ikaba yinjije amafaranga angana n'imiriyoni 837 z'ama-euro, igakurikirwa rero na Liverpool.

Muri rusangi, amafaranga yinjijwe n'imirwi 20 yo muri Premier League yariyongereye ku rugero rwa 11%, mu gushika ku miriyari 12,4 z'ama-euro.

Premier League ni yo yiganje kuri uru rutonde

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Manchester City ni yo iza inyuma ya Liverpool ku miriyoni 829 z'ama-euro, inyuma y'uko mu mwaka uheze, ku ncuro ya mbere mu myaka umunani, itizege itsindira igikombe na kimwe – nubwo yashitse mu gice c'umunani gishira ica nyuma muri ligue des champions, ikanakina mw'ihiganwa ry'igikombe mpuzamirwi c'isi yose muri Mukakaro (7) muri Amerika.

Mu yindi mirwi ya Premier League iri muri cumi ya mbere, harimwo Arsenal ku miriyoni 822 z'ama-euro ikaba iza mu kibanza c'indwi, Tottenham n'imiriyoni 673 z'ama-euro mu kibanza c'icenda, hamwe na Chelsea ku miriyoni 584 mu kibaza c'icumi.

Aston Villa iza mu kibanza ca 14 inyuma yo kwinjiza imiyoni 450 z'ama-euro, Newcastle ikaba iri mu kibanza ca 17 ku miriyoni 400 z'ama-euro, mu gihe West Ham United iza mu kibanza ca 20 ku miriyoni 276 z'ama-euro yinjije.

Brighton, Everton, Crystal Palace, Bournemouth, Wolverhampton na Brentford na yo nyene iri muri 30 ya mbere kuri uru rutonde.

Manchester United, inyuma y'uko ihejeje iri mu kibanza ca 15 mu mwaka w'inkino uheze muri Premier League, yavuye mu kibanza ca kane ija mu kibanza c'umunani kuri uru rutonde rw'imirwi itunze kurusha iyindi kw'isi, ku miriyoni 793 z'ama-euro.

Manchester United yarabaye iya mbere ku rutonde rw'imirwi cumi itunze kurusha iyindi kw'isi incuro cumi, ubwa nyuma hakaba hari mu 2017. Uno mwaka, amafaranga ava mw'igurishwa ry'amatike azogabanuka cane kubera ata higanwa na rimwe ryo ku rwego rwa Bulaya irimwo, ikaba kandi yarasezerewe mu mahiganwa y'ibikombe vya FA Cup na Carabao Cup.

Ingeme imirwi 13 ya mbere ikurikirana