Tanzania: Abashingamateka bashaka ko hasabwa imbabazi ku wasohowe kubera 'ipantaro ifata cane'

Condesta Sichwale mw'ishati y'umuhondo

Ahavuye isanamu, @Hakingowi

Insiguro y'isanamu, Uwo mushingamateka yasohowe mu nama nshingamateka kubera uwidogeye ipantaro yiwe

Abashingamateka b'abagore muri Tanzania basavye ko hasabwa imbabazi umushingamateka yasohowe mu nama nshigamateka kubera impantaro yiwe.

Umushingamateka w'umugabo yavuze ko ingene abogore bamwe bambara biteza urubwa inama nshingamateka.

Hussein Amar yavugiye mu nama nshingamateja ku wa kabiri ati:

"Nyakwubahwa mukuru w'inama nshingamateka, akarorero n'urya mushikanje yicaye i buryo bwanje yambaye ishati y'umuhondo. Raba ipantaro yaje yambaye, Nyakwubahwa mukuru w'inama nshinganateka".

Umukuru w'inama nshingamateka yaciye ategeka uwo mushingamateka w'umugore, Condester Sichwale, gusohoka.

Umukuru w'inama nshingamateka Job Ndugai yamubwiye ati: "Genda wambare neza, hanyuma ugaruke".

Yongeyo avuga ko butari ubwa mbere aronka imyidogo ku nyambaro y'abashingamateka b'abagore, aca abwira abajejwe kwubahiriza inyifato mu nama nshingamateka kwankira kwinjira uwo wese atozoba yambaye uko bibereye.

Mu gihe Amar atasiguye amakemwa yabona ku nyambaro ya Sichwale, yaciye asoma amategeko yo mu nama nshingamateka yemerera abagore kwambara ama pantaro, ariko atomora ko impuzu zidategerezwa kuba zifata cane.

BBC imurondeye ngo agire ico ashikirije ntiyamuronse.

Umugwi urungowe n'abashingamateka Jacqueline Ngonyani na Stella Manyanya ushimika uvuga ko ivyo mugenzi wabo yakorerwe atari vyo kandi ko impuzu za Madame Sichwale ata makemwa zari zifise.

Ivyashitse vyatumye kandi havugwa vyinshi ku mbuga hwaniro irya n'ino kw'isi, bamwe bavuga ko ari akandi karoreo k'ingene abagabo bashaka kugenzura ingene abagore bambara.