Mali: Sentare ijejwe ibwirizwashingiro yemeje Col Assimi Goïta nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza

Col Assimi Goïta yari yamaze kwitangaza ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza wa Mali

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Col Assimi Goïta yari yamaze kwitangaza ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza wa Mali

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ya Mali yagenye umukuru w'abasirikare batembagaje ubutegetsi muri ico gihugu, Koroneri Assimi Goïta, nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza.

Col Goïta yari yamaze kwitangaza ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza, hari ku wa gatatu w'iyi ndwi, haciye imisi ibiri afashe ubutegetsi, mw'itembagazwa ryabwo ryari rigize kabiri mu kiringo c'amezi icenda.

Ni na we yari arongoye abasirikare bari batembagaje ubutegetsi mu kwa munani kw'umwaka uheze, ivyatumye Perezida Ibrahim Boubacar Keïta yari yatowe n'abanyagihugu ategekwa gutanga imihoho.

Sentare ivuga ko iyi ngingo yaraye ifashe yayifashe kubera "igihugu kitari gifise umukuru w'igihugu".

Ku wa mbere, niho abagabo babiri bari bahawe amabanga yo gusubiza igihugu mu minwe y'abasivire, Perezida Bah Ndaw n'umushikiranganji wa mbere Moctar Ouane, bapfungwa n'abasirikare.

Col Goïta avuga ko aba bananiwe mu mabanga yabo bari bajejwe, kandi ko bariko barondera kwonona intwaro mfatakibanza y'ico gihugu.

Bagiye kurekurwa ku wa kane babanje gutanga imihoho.

Iyi ngingo y'ejo ku wa gatanu ya sentare ya Mali ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ivuga ko Col Goïta akwiye gufata amabanga y'umukuru w'igihugu mfatakibanza "kugira ngo arongore igihugu gushika kirangije intwaro mfatakibanza".

Iri tembagazwa ry'ubutegetsi muri ino ndwi ryabaye inyuma y'aho umukuru w'igihugu ahinduriye reta, Col Goïta akavuga ko atagishijwe inama.

Ibi vyatumye intwazangabo zibiri ziri mu zari zatembagaje ubutegetsi mu kwezi kw'umunani umwaka uheze zitakaza ibibanza vyazo.

Mu gatondo k'ejo ku wa gatanu, mw'ijambo rya mbere yashikirije kuva afashe ubutegetsi, yarasiguye icatumye atafa iyi ngingo. Ati: "Twategerezwa guhitamwo hagati y'akajagari n'ubumwe mu nzego z'umutekano n'ukwivuna abansi, rero twahisemwo ubumwe".

Yongeyeko y'uko umushikiranganji wa mbere mushasha azogenwa mu misi mike iri imbere, kandi ko amatora azoba ukuri kwamye mu mwaka uza uko yateguwe, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Kubera iki Mali irangwamwo umutekano muke?

Ntivyoroshe guhindura ibintu mu buryo bwihuse mu gihe uburere bunini bw'iki gihugu kidafise umuhora kw'ibahari burangwamwo ubukene.

Itembagazwa ry'ubutegetsi ryabaye mu 2012 ryahaye akaryo abarwanyi biyitirira idini rya Islam bikika inyuma y'akajagari karangwa mu gihugu ico gihe maze bifatira akarere k'uburaruko (amajyaruguru mu kinyarwanda) bw'igihugu.

Ingabo z'Ubufaransa zaciye zija gufasha ubutegetsi kwisubiza ako karere, ariko ibitero vyarabandanije kubera izo nyeshamba zikika inyuma y'umutekano muke ubandanya mu karere.

Ibi vyatumye icizere abanyagihugu bafitiye abarongoye igisirikare mu kurwanya izi nyeshamba ziyitirira Islam kigenda kigabanuka, mu gihe intambara yatandukiriye n'ibihugu bibanyi vya Burkina Faso na Niger.