Intambara muri Mali: France irahakana ko indege yabwo itarashe abari mu bugeni

Abasirikare b'Abafaransa bari mu karere ka Sahel kuva mu 2013

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'Abafaransa bari mu karere ka Sahel kuva mu 2013

Amakuru ava muri Mali avuga ko abantu barenga 20, harimwo n'abana, bishwe igihe indege yatera abari mu birori vy'ubugeni mu kigwati kiri mu misozi mu mpera z'indwi iheze.

Abantu baba mu kigwati ca Bounti, kiri mu karere ko hagati ka Mopti bavuga ko kajugujugu yugururiye umucanwa ku bari muri ivyo birori ku wa Mungu.

Igisirikare c'Ubufaransa gisanzwe gifise ingabo muri ako karere kivuga ko indege yaco yateye abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vya Isilamu aho muri Mali, ikavuga ko ata birori vy'ubugeni vyatewe.

Abasirikare batanu b'Abafaransa barishwe mu bitero vyabaye muri Mali mu minsi iheze.

Ejo ku wa kabiri, Ubufaransa bwavuze ko igitero ca gisirikare bwakoze cahitanye abarwanyi batari bake muri ako karere, buvuga ko ari ibitero vy'indege vyizwe neza kandi haciye iminsi bakurikirana abo bantu.

Umuvugizi w'igisirikare c'Ubufaransa atavuzwe izina yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko "amakuru avuga ivy'ubugeni ntajanye n'amatohoza twakoze".

Ababa mu kigwati ca Bounti bavuga ko kajugujugu yagendera hafi cane batashoboye kumenya ari yo yakoze ico gitero ku murango izuba riva.

Ahmadou Ghana avuga ko yabuze benewabo babiri muri ico gitero.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu w'Ubufaransa bimenyesha ko ku wa gatandatu, abasirikare babiri b'Abafaransa bishwe bari mu gikorwa co gutohoza, igihe ikimodoca cabo ca burende cahitanwa n'ikibombe gitegwa mu kuzima mu karere ka Menaka kari mu buseruko bwa Mali.

Umushikiranganji w'ukwivuna abansi w'Ubufaransa Florence Parly (i buryo) ariko asezera abasirikare batatu bishwe muri Mali mu ndwi iheze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'ukwivuna abansi w'Ubufaransa Florence Parly (i buryo) ariko asezera abasirikare batatu bishwe muri Mali mu ndwi iheze

Ibi bibaye inyuma y'aho abandi basirikare b'Abafaransa nyene batatu biciwe muri ico gihugu mu ntango z'indwi iheze, nabo nyene bahitanywe n'ikibombe gitegwa mu kuzimu cahitanye imodoka yabo.

Abarwanyi b'umuhari witwa Groupe de Soutien à l'Islam et aux Musulmans (GSIM), usanzwe ufitaniye ubucuti n'umuhari al-Qaeda bavuga ko ari bo bakoze ico gitero.

Ubufaransa bufise abasirikare 5,100 mu karere ka Sahel, basanzwe bahanganye n'abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vya Isilamu.

Ubufaransa bwatanguye ibikorwa vy'ubutabazi ubwa mbere mu karere ka Sahel - akarere k'ubugaragwa kari mu bumanuko bwa Sahara kagizwe na Mali, Tchad, Niger, Burkina Faso na Mauritania - mu 2013.