Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Spain - Ceuta: Amasanamu ateye impuhwe ku kibazo c'abimukira
Mu gihe ikibazo c'abimukira binjira muri Espagne cabaye ndanse, hari amashusho yateye impuhwe nyinshi yerekana ibibazo abimukira bagize, n'ingene hari abagifise umutima w'ikigongwe wo gufasha abari mu vyago.
Abantu bababa 8.000 baroze canke bazunguruka uruzitiro ruri ku rubibe kugira ngo bashobore kwinjira muri Espagne baciye muri Maroc.
Abaharurwa mu bihumbi barafashwe basubizwa muri Maroc.
Ihoberana
Isanamu imwe yerekana umugiraneza akora mw'ishirahamwe Croix Rouge rya Espagne aha amazi yo kunywa eka anahoza umwimukira (aho hejuru) ku mweha wo mu karere ka Ceuta.
Uyu mwigeme, yamenyekanye kw'izina rya Luna, yabwiye imboneshakure ya Espagne ko atazi izina ry'uyu musore, ko yamenya gusa ko yari avuye muri Senegal.
Yabwiye RTVE ati: "Yariko ararira, nararambuye amaboko nawe aca angwa mu nda".
Iyi sanamu imaze kuzunguruka ku mbuga ngurukanabumenyi, uyu mwigeme w'imyaka 20 yavuze ko yatutswe ibitutsi vyinshi bishingiye ku gitsina no ku rukoba, aca afata ingingo yo gukingira amakonte yiwe ku mbuga hwaniro.
Ariko, abandi babonye ingene yatutswe, ahubwo baramushimiye ku gikorwa ciza yakoze, babicishije kuri HashTag yiswe #GraciasLuna kuri Twitter yakoreshejwe incuro zirenga 50.000.
Umushikiranganji w'ubutunzi wa Espagne Nadia Calviño yanditse ati: "#GraciasLuna (wakoze cane Luna) kubona werekanye imico yacu myiza", mu gihe uwundi mushikiranganji nawe yavuze ko iyi sanamu ari "ikimenyetso c'umwizero n'ubumwe".
Croix Rouge ya Espagne nayo iti: "Turi ishirahamwe rifise ba Luna benshi cane bafasha abantu nk'aba binjira muri Ceuta imisi yose".
Ubutabazi
Iyindi sanamu yashimishije benshi ni iyo uwitwa Juan Francisco Valle yafashwe nk'incungu inyuma yo kurokora uruhinja rwari mu mazi i Ceuta.
Valle, akora mu gisata kijejwe gukinga impanuka mu giporisi ca Espagne, avuga ko uyu mwana yari "yatose cane yataye n'isura" igihe amushikira.
Yabwiye RTVE ko uyu mwana "ategerezwa kuba yari akiri muto cane kuko n'izosi ntiryahagarara".
"Mvugishije ukuri, sinari nzi ko yari akiri muzima canke ko yari yamaze gupfa".
Abategetsi ba Espagne bavuga ko abimukira hafi 1.500 bashoboye gushika i Ceuta ari abana.
Igiporisi kijejwe gukinga impanuka cakwiragije iyi sanamu ya Valle hamwe n'iz'abandi bariko bagerageza kurokora abana, umushikiranganji w'ukwivuna abansi na we yanditse ubutumwa akengurukira igisirikare.
Itoteza
Si ukuvuga ko amasanamu yose yo mu misi iheze yaje ari meza.
Iyi sanamu yafashwe igihe ingabo zirungikwa ku rubibe yerekana umusirikare ariko akubita umwimukira.
Abategetsi ba Espagne bavuga ko hafi 2/3 z'abo bimukira bari bashoboye gushika i Ceuta basubijwe muri Maroc.
Igihuhusi c'abimukira bagerageza kujabuka urubibe cagiye gutangura mu ntango z'iyi ndwi inyuma y'aho Maroc itezuriye ingingo zigenga uruja n'uruza ku rubibe.
Bamwe bavuga ko iyi ngingo ya Maroc yabaye nk'ukwihora Espagne ku ngingo yayo yo kwemerera umukuru w'umuhari Polisario Front - umuhari urwanira ukwikukira kwa Sahara y'Uburengero ( Sahara occidental/Western Sahara) ikiyonkora kuri Maroc - kwinjira muri ico gihugu agiye kwivuza, hari mu kwa kane.