Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Lampedusa: Abimukira barenga 1000 bashitse muri iryo zinga
Abimukira barenga 1000 bashitse mw'izinga ry'Ubutaliyano rya Lampedusa mu kiringo c'amasaha make ku musi wa Mungu, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru ryo mu Butaliyano rya Ansa.
Iryo tororokanirizo rivuga ko ubwato bumwe bwonyene bwari butwaye abagabo, abagore n'abana 400.
Umukuru w'iryo zinga Toto Martello yavuze ko ukwiyongera kw'igitigiri c'abimukira guhuriranye n'uko ikirere kimeze neza.
Izinga rya Lampedusa ni kimwe mu bibanza bishikiramwo abantu baba bashaka kwaka ubuhungiro i Buraya.
Ayandi mato yabonetse mu micungararo ya Malta, mu gihe ishirahamwe rya Alarm Phone ritera akamo ko akeneye gufashwa.
Iryo shirahamwe ryagize riti:"Igikorwa kimwe co gutabara gishobora gukiza abantu boba bashika 231."
Abimukira 11.000 ni bo bamaze gushika muri iryo zinga kuva mu ntango z'umwaka. Itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters rivuga ko ico ari igitigiri kinini ugereranije n'abashitse mu kiringo nk'iki mu mwaka uheze bashika 4.105.
Ariko ico gitigiri kiguma ari gito ugereranije no mu 2015, aho hashika abimukira benshi gusumba.
Ariko uko kwiyongera kw'abimukira kuri uyu wa Mungu vyatumye umunyepolitike Matteo Salvini asaba kubonana n'umushikiranganji mfatakibanza w'intwaro yo hagati mu gihugu, Mario Draghi.
Yagize ati:"Mu gihe hari imiliyoni n'imiliyoni z'abataliyano bari mu bibazo, ntidushobora kwiyumvira ibihumbi n'ibihumbi vy'abimukira badakurikije amategeko."
Salvini ubu arindiriwe mu butungane ku bijanye no kwankira ubwato bwari bwatabaye abimukira barenga 100 kubururukiriza i Lampedusa mu kwezi kw'umunani mu 2019. Abashikirizamanza b'i Sicile bagiriza uwo yahoze ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu gupfunga abantu hadakurikijwe amategeko, ibishobora guhanishwa igipfungo c'imyaka 15.