Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Reta isaba abatewe n'amazi gutegura imitima ku ngingo zigiye gufatwa
Abashikiranganji bane ba reta y'Uburundi babwiye abatewe n'amazi muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura rural ko bashobora kwimurirwa ahandi.
Mu rugendo abashikiranganji Gen Ndirakobuca Gervais w'intwaro yo hagati mu gihugu, Deo Nsanganiyumwami w'inyubakwa za reta, Deo Guide Rurema w'uburimyi n'ubworozi hamwe na Imelde Sabushimike wo gushigikirana bagize mu Kajaga, Gatumba na Rukaramu basavye abajejwe intwaro kugira intonde z'abahora baba mu mazu yabo n'abahora bapanze ukwabo.
Abari basanzwe bapanze amazu basabwe kuja gupanga ahandi kugira reta ifashe abafise ingorane gusumba.
Basavye abo banyagihugu gutegura imitima ku ngingo zishobora gufatwa harimwo no kubimurira no mu bindi bibanza.
Ku rubuga rwa Twitter, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwanditse ko abasizwe iheruheru n'uwo mwuzure bagera ku 5000, igipolisi ngo kikaba kibandanya kubakura mu Gatumba kibajana mu Maramvya.
Mu mpera z'indwi iheze ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge, ryamenyesheje ko ririko ririta ku rutare ngo rironse abateshejwe izabo n'umwuzure aho baba barakitse umusaya bitarenze amasaha 24.
Ku gitigiri c'abasizwe iheruheru n'umwuzure, Desire Bundoyi ajejwe ishami rishinzwe gukinga ibiza muri Croix Rouge Burundi agira ati: "Ku wa gatanu twaharuye imiryango 541 yiyongera ku bantu 1200 mu mazone ya Gatumba na Rukaramu hamwe n'abandi benshi bo mu bice vyo kuva Nyanza-Lac gushika Bujumbura.
"Twari tumaze imisi tubafasha gupompa aho baherereye, hari abagiye baraka indaro mu mihana tukabafashirizayo, abandi bari bapanze tukabafasha kuronka uburyo bwo kuja gupanga ahandi, ariko tugiye kwicarira ikibazo c'abaraye mw'ibarabara, abaraye mu dushamba, kugira ngo turabe ko twobaha uburaro bwihuta."
Croix Rouge ivuga ko ahanini abatewe n'umwuzure bakeneye aho bakika umusaya kubera gushika ubu hari abakirara mw'ibarabara, ibifungurwa hamwe n'ibikoresho bitandukanye bikenewe mu buzima bwa misi yose.
Muri abo bataye izabo harimwo abanyeshure barenga ibihumbi bibiri, ubuyobozi bw'indero mu gisagara ca Bujumbura bukaba bumenyesha ko abiga mu mashure azokora ibibazo vya reta babaye barabaronderera ahandi baba barigira.