US: Derek Chauvin yahamwe n'icaha co kwica George Floyd

Insiguro ya video, Raba igihe Derek Chauvin yasomerwa urubanza

Derek Chauvin, umuzungu yahoze ari umupolisi, yahamwe n'icaha co kwica umwirabure George Floyd mu muji wa Minneapolis muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu mwaka uheze.

Derek yagiriwe n'ibirego bitatu vyose bijanye no kwica yari yarezwe muri uru rubanza rwakurikiranywe cane.

Humvikanye induru n'impundu hanze ya sentare igihe umucamanza yasoma ivyashitsweko n'abanyagihugu bumviriza bagaca urubanza (jury) nk'uko bigenda mu manza muri Amerika.

Uwo mugwi wa jury vyawutwaye ikiringo kiri munsi y'umunsi umwe kugira uhamye icaha Derek Chauvin ku birego vyose bitatu bijanye n'urupfu rwa George Floyd.

Derek yafashwe video mu kwezi kwa gatana mu mwaka uheze, yashize ivi mw'izosi rya Floyd ikiringo c'imitona icenda igihe yariko aramufata ico gihe. Vyamuviriyemwo gucikana.

People react after the verdict in Minneapolis. Photo: 20 April 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Umucamanza yari yabwiye umugwi wa jury kwihweza ibimenyetso vyose kandi ukibuka yuko igikorwa co kuzana ibimenyetso cega leta, kitaraba ababuranira uwuregwa.

Ababuranira Chauvin bari bireguye bavuga yuko ibiyayuramutwe hamwe n'amagara atifashe neza ari vyo vyatumye Floyd apfa.

Urupfu rwa George Floyd rwashavuje benshi muri Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Urupfu rwa George Floyd rwashavuje benshi muri Amerika

Ubushinjacaha bwahimirije umugwi wa jury kwemera ivyo wabonye muri video.

Iyo video yararabwe nka hose kw'isi iteza ishavu ryinshi ryadutsemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza amacakubiri afatiye ku rukoba hamwe no gukoresha inguvu z'ikirenga bigirwa n'abapolisi.

Umucamanza yatangaje ko Derek Chauvin w'imyaka 45 azosomerwa igihano mu ndwi umunani ziri imbere, aca yambwikwa amapingu ajanwa mw'ibohero.

Ni ubwa mbere umupolisi w'umuzungu ahamwa n'icaha co kwica umwirabure yafashe mu mateka ya Leta ya Minnesota, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe riharanira agateka muri Amerika, American Civil Liberties Union.