UN: Umuhisi John Magufuli arashimirwa ku vyiza yasize akoreye Tanzania

Abategetsi batari bake bari mu nama ya bose ya ONU igira 59 mw'ikoraniro ryayo rya 75 ku wa ku wa gatanu igenekerezo rya 16 z'uku kwa kane, barashimagije iragi ry'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania, umuhisi John Magufuli.

Abo bategetsi biyemeje kubandanya bakorana n'uwamusubiriye mu kurongora ico gihugu, umupfasoni Samia Suluhu Hassan.

Iyo nama yari irongowe na Volkan Bozkir arongoye inama nkuru ya ONU yarimwo ibintu bitari bike vyo kwiga, harimwo no kwihweza intererano ya Perezida Magufuli yasandavye ahitanywe n'indwara y'umutima ku wa 17 z'ukwa gatatu 2021.

Mw'ijambo yashikirije, Umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres yavuze ko Magufuli azokwama yibukwa ku bikorwa vyiza asize akoreye abatanzania.

António Guterres arashima ingene yashoboye kurwanya ibiturire, kwitaho abanyagihugu, kwubaka amabarabara hamwe n'amahinguriro, soko ry'iterambere.

Avuga ko Tanzania yashoboye gushika ku ntumbero yayo yo kuva mu bihugu bikenye igashika mu bihugu vyisununuye mu myaka ine gusa imbere y'uko kinashika mu 2025.

Arashima kandi ingene yashoboye gutunganya igisata c'indero ivyatumye abana nbenshi bashobora kwiga amashure yisumbuye.

Umunyamabanga mukuru wa ONU arashima ingene Perezida Magufuli yateje imbere igisata c'umuyagankuba, akaba yari afise intumbero yari afise yo kwongereza urugero rwawo kugira ngo igihugu cose kironke amatara.

Ati: "Kw'izina ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, nongeye guhoza umuryango wiwe, reta hamwe n'abanyagihugu bose ba Tanzania, nce mfata na kano kanya kugira niyemeze ko ishirahamwe ONU rizobandanya kuba hafi y'iki gihugu rigakorana na reta ihari irongowe na Samia Suluhu Hassan".

"Turi kumwe n'Abatanzania mu twigoro twabo two gushika kw'iterambere rirama kandi tuzobandanya tubafata mu mugongo mu vyipfuzo vyabo vyo gushika kw'iterambere ku Batanzania bose".

Uwuserukira umuryango wa Bulaya nawe yavuze ko Perezida Magufuli yari indongozi yitanze atiziganya kugira ngo azanire iterambere Abatanzania, kandi ko yakoze vyinshi bibonekera ahanini mu burezi no mu kwubaka amabarabara.

Ukwo kumenyekana kwa Magufuli mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kubaye mu gihe iragi ryiwe ribandanya rivugwa cane hagati mu gihugu, harimwo no mu nama nshingamateka y'ico gihugu.

Hari bamwe mu bashingamateka bashaka ko inzira yatanguje ari yo yobandanya, mu gihe ariko kandi hari ababibona ukundi, bakavuga ko hakenewe iyindi nzira nyayo ikwiye gukurikizwa ku butegetsi bwa Perezida Samia.

Umushingamateka wo mu karere ka Mbunge mu ntara ya Lindi iri mu bumanuko bwa Tanzania, Nape Nnauye, avuga ko ivyakozwe na Magufuli ntawurinda kuvyerekana, ko vyo nyene vyiyerekana.

Abona ko Perezida Samia Suluhu Hassan atanguye neza, agasaba ko na we nyene nk'abandi bategetsi "ahabwe akaryo kugira azosige iragi ry'ubutegetsi bwiwe".