Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Magufuli agabisha ko Tanzaniya atari icibare baragiriramwo
Umukuru w'igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli yavuze ko leta izobandanya ifata ibitungwa vyinjiye mu gihugu biva mu bihugu bibanyi.
Ashikiriza ijambo ari mu ntara ya Kagera ari mu rugendo rw'akazi, Magufuli yavuze ko Tanzaniya atari icibare co kuragiriramwo ibitungwa vy'ibihugu bibanyi, ko azofata ingingo zikomeye kubera ivyo bitungwa.
Muri iyo nzira nyene, yasavye ibihugu bibanyi gufata ingingo nka mwenizo igihe ibitungwa vya Tanzaniya vyoba vyinjiye muri ivyo bihugu bidaciye mu mategeko.
"Tanzaniya si icibare co kuragiriramwo ibitungwa vy'ibihugu bibanyi, nico gituma twafashe ingingo yo gufata ivyo bitungwa tukabifatira ingingo twisunze amategeko, nico kimwe n'igihe ibihugu bibanyi vyoba bifashe ibitungwa bivuye muri Tanzaniya, vyobifatira ingingo zishingiye ku mategeko y'ivyo bihugu", niko Magufuli yavuze ashimitse.
Ayo majambo ya Magufuli asohotse mu gihe hari ukutumvikana ku vyerekeye urubibe Tanzaniya isangiye na Kenya ku bijanye n'ibitungwa bikurikira ahari ivyibare.
Mu ndwi zitatu ziheze, ubutegetsi bwa Tanzaniya bwarafashe inka zirenga 1000 zivuye muri Kenya, munyuma sentare yaho itegeka kw'izo nka zogurishwa icamunara amahera avuyemwo akaja mu bigega vya leta, igihe ba nyenezo batoba barishe amande y'imiliyoni 500 za Tanzaniya.
Mu ndwi yahera naho, izindi nka 4000 zivuye muri Tanzaniya zafatiwe mu kigwati c'aba Maasai ahitwa Kajiado, hafi y'umugwa mukuru Nairobi.
Mu minsi iheze naho ubutegetsi bwa Tanzaniya bwafashe ingingo yo guturira inkoko 6400 z'agaciro ka miliyoni 12 za Tanzaniya, ngo zikekwa ko zohava zikwiragiza ingwara y'akamangu, ivyo bikaba vyateye impari mu bigo biharanira agateka k'ibikoko.