Uganda yemeye ko yafashe abarenga 1000 imbere y'amayo yo mu kwa mbere

Leta ya Uganda yemeye ko yafashe abantu barenga 1000, bafatwa mu kiringo c'imbere gatoyi y'amatora atavuzweko rumwe yo mu kwezi kwa mbere 2021.

Urwandiko rubitangaza rwashikirijwe mu nama nshingamateka n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati General Jeje Odongo, ku muhingamo wo kuri uno wa kane.

Urwo rwandiko rwerekana yuko mu kwezi kwa cumi na rimwe igihe uwutavuga rumwe na leta Robert Kyagulanyi (Bobi Wine) yafatwa ariko ariyamamaza, abantu 269 barafashwe bahorwa kuja mu myiyerekno yaciye ikurikira.

Inyandiko ya leta ivuga ko bamwe bashikanywe imbere ya sentare barashinjwa canke bararekurwa mu gihe abandi bagipfunzwe.

Igihe c'amatora hamwe n'icakurikiye gatoyi umunsi w'itora vyaranzwe cane n'ugusemerera kw'imiryango hamwe n'abatavuga rumwe na leta, basaba itohoza ku majana y'abantu bakuwe iwabo canke mu mabarabara.

Vyibazwa ko abo bose batwarwa n'abakozi bo mu nzego za Uganda zijejwe umutekano.

General Odongo yarigeze kubwira inama nshingamateka ko leta yari ifise abantu 221 bonyene, benshi muri bo bari mu mabohero ya gisirikare.

Uwo mushikiranganji yasabwe gukora itohoza rikwiye, kuko umugambwe wa Bobi Wine, National Unity Platform, wabandanije uvuga yuko hari abanywanyi bawo hamwe n'abawushigiye 423 irengero ryabo ritaramenyekana.

Urwandiko rwo kuri uno wa kane rwerekana yuko igice gitoyi c'abo bantu ari co kimaze kuboneka, ariko 356 muri bo "ntibaramenyekana" kuko amakuru y'igihe n'aho bafatiwe ataratangwa.

Nyuma y'inkuru ya BBC yo mu kwezi kwa gatatu yavuze ku basore hafi 18 bafatiwe mu kigwati ca Kyotera mu bumanuko bushira uburengero bwa Kampala, bose baciye barekurwa ataco bagirijwe babasiga hafi y'ikigwayi cabo hagati mw'ijoro.

Abandi benshi bararekuwe muri ubwo buryo nyene, bamwe bakabara inkuru zo gukubagurirwa aho bari bapfungiye.

Urwandiko rw'umugwi w'abahinga ba ONU mu bijanye n'agateka ka zina muntu rwasohowe ku wa kabiri, rwahamagariye Uganda guhagarika gutoteza abanyepolitike batavuga rumwe na leta.

Urwo rwandiko kandi rwasavye ko hakorwa itohoza ribushitse, hamwe no guhana abahonyanze agateka ka zina muntu mu bikorwa vyabaye mu gihe c'amatora.