Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Yoweri Museveni ahejeje gutangazwa ko yatsinze amatora
Umurwi ujejwe gutegura amatora muri Uganda uhejeje kwemeza ko Perezida Yoweri Museveni yatsinze amatora yo ku wa 14 z'uku kwa mbere 2021, ku majwi 58.64 %..
Uyu murwi utangaza ko Museveni yaronse amajwi 5.851.037, ni ukuvuga 58.64 % y'abatoye bose.
Umukeba wiwe yari ahanganya nawe, umunyamuziki Robert Kyagulanyi, azwi nka Bobi Wine, aza mu kibanza ca kabiri n'amajwi 3.475.398 ni ukuvuga 34.83 % y'abatoye.
Hagati aho, Bobi Wine ejo yatangaje ko atemera ivyavuye muri aya matora nk'uko vyariko biratangazwa n'umurwi ujejwe gutegura amatora.
Avuga ko yiteguriye gutanga ivyemezo ko amatora yibwe. umurwi ujejwe gutegura amatora wowo urahakana ko ata busuma bwabaye.
Mu bandi bahiganywe na Museveni, Amuriat Oboi Patrick wo mu mugambwe Forum for Democratic Change (FDC) yaronse amajwi 310,753 ni ukuvuga 3.29%.
Umurwi ujejwe gutegura amatora, umenyesha ko abatoye bose hamwe ari 9.978.093, ni ukuvuga 57.22 % y'abari biyandikishije gutora.
Ibi bisigura ko ibice birenga 40% vy'abari biyandikishije batitabiriye ayo matora.
Aya matora ahaye ikiringo kigira gatandatu uyu mukuru w'igihugu w;imyaka 76 amaze imyaka 35 arongoye iki gihugu.
Yoweri Museveni yashitse ku butegetsi mu 1986 akavuga ko ari ishusho y'ituze mu gihugu.
Ku ruhande rwiwe, Bobi Wine w'imyaka 38 avuga ko ashigikiwe n'urwaruka, mu gihugu kigizwe ahanini n'abakiri bato.
Mu gihe umurwi ujejwe gutegura amatora muri Uganda wariko urashikiriza ibiharuro, Bobi wine yatangaje ko igisirikare ca Uganda cari cagose umuhana wiwe.
Ariko umuvugizi wa reta ya Uganda yamwagirije "kunuza inkuru" ku vyabaye kugira ngo abantu bamwumvire impuhwe.