Uganda: Igipolisi cataye muri yompi Bobi Wine

Igipolisi ca Uganda cataye muri yompi umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine.

Uyo munyamuziki yahindutse umunyepolitike yahagaritswe uno munsi ku wa mbere mu gihe yari yateguye ikoraniro aho yategekanya gushikiriza imigabo n'imigambi yiwe mu matora ategekanijwe mu 2021.

Sibwo bwa mbere igipolisi kimaze kumubuza ibikorwa nk'ivyo n'ibiteramo vy'umuziki.

Ibinyamakuru vya Uganda bimenyesha ko yahagaritswe ari kumwe n'abandi banywanyi.

Nk'uko vyandikwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Bobi Wine na bagenzi we baciye batwarwa gupfungirwa ku kirindiro c'igipolisi kiri ahitwa Kasangati.

Igipolisi kivuga ko cahagaritse iryo koraniro kubera ryari ryateguwe kubera ku kibuga, kikavuga ko amakoraniro nk'ayo ategerezwa kubera mu nzu kugira ngo ntibabuze abandi ibikorwa.

Kivuga kandi ko ahari kubera iryo koraniro ata tuzu twa surwumwe dukwiye tuhari, rero ko batashobora kwemera ko habera iryo koraniro, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru The Observer.

Hagati aho, ntivyoroshe gufata uyo munyepolitike w'imyaka 37 kuko igipolisi cabanje gutera vya vyuka bikoroza amosozi kirasa n'amasasu mu kirere kugira bashiragize abanywanyi b'umugambwe wiwe, People Power Movement.

Bobi wine ashimangira ko itegeko rigenga amatora rimuha uburenganzira nk'uwushaka kwitoza kuzunguruka igihugu kugira ngo abaze abanywanyi biwe nimba bashigikiye ko yitoza.

Muri kahise, amatora yo muri ico gihugu yamye abonekamwo imigumuko n'igipolisi kigapfunga abantu, harimwo n'abanyepolitike.

Umukuru w'ico gihugu Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva imyaka 33 irangiye akaba ategekanya gusubira kwitoreza ikindi kiringo.