Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UN iragiriza u Burundi na Tanzania gutoteza impunzi z'abarundi
Abahinga ba ONU bajejwe agateka ka zina muntu baratera akamo amareta y'Uburundi na Tanzania kwubahiriza uburenganzira bw'abasavye indaro muri ico gihugu.
Bananebagura inkuru zivuga ko hariho impunzi zinyuruzwa, zisinzikarizwa ubuzima, zisubizwa mu Burundi ku nguvu zikongera zigaterwa n'ubwoba.
ONU ivuga ko ivyo vyoba bikorwa n'inzego z'igipolisi n'iperereza vya Tanzania bafashanije n'iperereza ry'Uburundi.
Bavuga bati : "Uretse amategeko akaze yo kubuza impunzi gucaruka, yashizweho na reta ya Tanzania, impunzi z'abarundi ubu zibayeho mu bwoba bwo kunyuruzwa mw'ijoro n'inzego zijejwe umutekano za Tanzania, zikajanwa mu bibanza batazi canke bagasubizwa mu Burundi.
"Abayoboke b'imigambwe itavuga rumwe na reta bahungiye muri Tanzania boba babandanya gukurikiranwa iyo bahungiye."
Abo bahinga bavuga kandi ko uko umutekano wifashe mu makambi bidahumuriza, uravye inkuru zivuga ko abajejwe iperereza mu Burundi, bihinduye impunzi, batunga urutoke abantu baba baronderwa, mu nyuma bagaca bahagarikwa n'inzego zijejwe umutekano za Tanzania.
Basaba reta y'Uburundi guhagarika gutoteza abanyagihugu harimwo n'abo bariko bararondera gukingirwa n'amakungu mu gihugu ca Tanzania.
Abo bahinga ba ONU bavuga bati : "Hari impunzi zemeje ko hari abatwarwa n'igipolisi ca Tanzania, bakanyuruzwa hanyuma bagasinzikarizwa ubuzima imbere y'uko birukanwa muri ico gihugu canke bategekwa gushira umukono ku rupapuro rwemeza ko bashaka gutahuka ku gushaka.
"Bamwe babazwa kuvyerekeye kuba mu migwi igwana, gutunga ibigwanisho, ibikorwa bakora mw'ikambi, rimwe na rimwe bakakwa amahera kugira barekurwe."
Muri urwo rwandiko bavuga kandi ko bamwe mu mpunzi bishwe inyuma yo kunyuruzwa n'abajejwe umutekano ba Tanzania.
Amakenga ku mutekano wabo, watumye bamwe mu mpunzi bemera gutaha, atari kugushaka ahubwo kubera ubwoba.
Abo bahinga barangiza icegeranyo cabo bavuga ko bibabaje kubona kuva mu 2020 reta yavuze ko hari amatohoza ariko arakorwa ku bantu banyuruzwa, ariko gushika ubu akaba ata co arashikako.
Reta ya Tanzania ngo irazi neza uko ivyo bintu vyifashe, ikaba isabwa kugira ico ikoze kugira bihagarare.
Nta co reta y'Uburundi n'iya Tanzania bari bashikiriza ku mugaragaro kuri ibi vyashikirijwe n'abahinga ba ONU.