Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania ihakana gukubagura impunzi z'abarundi bivugwa na HRW
Reta ya Tanzania iriyamiriza ivyashikirijwe n'ishirahamwe Human Rights Watch (HRW) ko ico gihugu gipfunga, kikaboreza igufa kikongera kigatahukana impunzi z'abarundi ku nguvu.
Dr Hassan Abbas, umuvugizi wa reta ya Tanzania, yabwiye BBC igisata c'igiswahili ko izo nkuru za HRW ata ho zifatiye kandi ata kuri kurimwo.
Uwo muvugizi avuga kandi ko ari "inkuru zo gupfundikanya", aho usanga bavuga ko bavuganye n'abantu badashaka ko amazina y'abo amenyekana.
Avuga ko igihugu ca Tanzania gifise umuco wo kwakira impunzi kuva kera.
Agira ati: "Twebwe twatanguye kwakira impunzi imbere y'uko amakungu ashiraho itegeko ritegeka ibihugu vyose gutanga ubuhungiro ku mpunzi no kuzikingira mu 1951.
"Twebwe kuva mu myaka ya za 30 [1930] na 40 [1940] tuguma twakira impunzi, twakoresheje uburyo bwinshi bwa reta n'igihugu, twateguye ibibanza vyinshi cane twashizemwo amakambi y'impunzi z'ababanyi bacu igihe cose bagize ibibazo.
"Rero inkuru nk'izo nibaza ko ico zishaka gushikako, ntitubihe agaciro, kuko n'uyu musi tuvugana tubandanya kwakira impunzi."
Dr Abbas avugira reta ya Tanzania, arahakana kandi ko ata kete ishirahamwe HRW ryigeze ryandikira reta ya Tanzania.
Avuga kandi ko igihe hoba ikibazo ico ari co cose ku mpunzi ziri muri Tanzania, bari kubishikiriza ishirahamwe rijejwe impunzi (HCR) hamwe n'ubutegetsi bakabitorera inyishu.
Agira ati: "Tanzania ntishobora gufata nabi impunzi yo nyene yemeye kwakira, twari gushobora kwanka kubakira ariko twarabakiriye, barakingirwa n'amakungu, baba mu gihugu cacu gushika aho igihugu cabo kizoronkera amahoro.
"Twoja gute mu bikorwa vyo gufata nabi iyo mpunzi? Ni co gituma mvuga ko ivyo vyegeranyo twovyihoza tukabandanya n'akazi kacu."
HRW isaba amatohoza ataho yegamye
Mu ndwi iheze ishirahamwe HRW ryagirije abategetsi ba Tanzania guhonyanga bikomeye agateka k'abarundi b'impunzi n'abakirondera ubuhungiro.
Mu cegeranyo caryo, iryo shirahamwe rivuga ko igipolisi ca Tanzania n'abajejwe iperereza banyuruje abantu, bababoreza igufa bongera banabapfunga hadakurikijwe amategeko.
HRW ivuga ko ivyo vyabaye n'imiburiburi ku barundi 11, banarajwe ahantu habi indwi zitari zike ku gituro c'igipolisi ca Kibondo mu ntara ya Kigoma. Igasaba reta ya Tanzania kugira amatohoza yihuta kandi ataho yegamye.
Impunzi zirenga 150.000 ziba mu makambi ya Tanzania, benshi muri bo bakaba bahunze imidurumbanyo yakurikiye ingingo y'uwari umukuru w'igihugu ico gihe, Pierre Nkurunziza, yo kwitoreza ikiringo kigira gatatu mu 2015.
Hagati aho, abaserukira impunzi z'abarundi zatse indaro mu gihugu ca Tanzania, bandikiye ikete ishirahamwe mpuzamakungu ONU basaba ko bokwimurirwa mu kindi gihugu kuko Tanzania isa n'iyiriko irabirukana.