Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Impunzi 121 zaraye zitahutse zivuye Uganda
Impunzi zishika 121 nibo baraye bakiriwe ku kibuga c'indege ca Bujumbura bahungutse bava mu gihugu ca Uganda batahanywe n'indege Air Ouganda.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere ry'amakomine bumenyesha ko uyu ari umurwi wa mbere utahukanywe n'indege, akavuga ko uwundi murwi witezwe ku wa 17 z'uku kwa cumi na kabiri.
Hari haciye iminsi ubu bushikiranganji butangaje ko iyi ndwi hitezwe kwakirwa igitigiri c'abahunguka kitari bwabeho, bavuye mu bihugu vya Uganda, Rwanda, Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo na Tanzania.
Abo baraye batahutse baje baherekejwe n'intumwa y'umushikiranganji wa mbere wa Uganda, Godfrey Byaruhanga.
Byaruhanga avuga ko kimwe mu vyatumye bashima gutahukana izi mpunzi hifashishijwe indege ari mu ntumbero yo kwirinda ikwirakwira rya ca kiza karanda ca covid-19.
Avuga ko ibitigiri vy'abashaka gutahuka ari binini, ari co gituma bazotahukanwa mu mirwi.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere ry'amakomine, yabwiye BBC ko abo baraye bakiriwe bavuye mw'ikambi y'impunzi ya Nakivale.
Pierre Nkurikiye avuga ko bashitse baciye bafatwa ibipimo vya Covid-19, baca bajanwa mu kibanza co "kurindiriramwo umusi umwe canke ibiri" imbere y'uko bashikirizwa imiryango yabo.
Kuva ashikirijwe mabanga yo kurongora igihugu, Umukuru w'igihug Evariste yarateye akamo impunzi zahungiye mu bihugu bitandukanye gutahuka kugira bifatanye n'abandi kwubaka igihugu.
Mu kwezi kw'umunani uno mwaka, impunzi ziba muri ico gihugu zaramwandikiye zimusaba ko yozifasha nazo zigahunguka.
Nkurikiye ati: "Nico gituma inzego zijejwe ihunguka zaciye zikora ariho ejo ku musi wa mbere washika".
Avuga ko hitezwe umurwi wa kabiri ku musi wa kane nabo nyene bazotahukanwa n'indege.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bumenyesha ko muri ino ndwi hitezwe imirwi itandatu y'abahunguka, ibiri ikaba izova muri Uganda, umwe mu Rwanda, uwundi umwe muri Congo, hamwe n'iyindi ibiri izova muri Tanzania.
Ishirahamwe rijejwe impunzi HCR mu Burundi rivuga ko kuva uno mwaka wa 2020 utanguye gushika uno musi impunzi zishika 38.038 ari zo zatahukanywe.