Covid-19: AU yahevye umugambi w'urukingo rwa AstraZeneca

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, AU, ryahevye umugambi wo kuronswa inkingo za coronavirus zovuye mu kigo co mu Buhinde, Serum Institute of India, kubera impungenge zo kuzishikana.
Ahubwo AU iriko irihweza gukorana n'ikigo gihingura imiti co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Johnson & Johnson.
Umukuru w'ikigo kijejwe gukumira indwara muri Afrika (Africa's Centres for Disease Control), John Nkengasong, yavuze ko kwizezwa kuronka imiti ari ikintu nyamukuru - kandi yuko ingingo zikumira kwoheraza hanze iyo miti zafashwe n'Ubuhindi ziteje ingorane kuri Afrika.
Yongeyeko yuko icemezo ca AU ataho gihuriye n'impungenge z'uko urukingo rwa Oxford-AstraZeneca rushobora, ku buryo bushika gake cane, gutera kuvura kw'amaraso.
Urwo rukingo rwategerezwa kuronswa umugabane wa Afrika biciye mu mugambi wa ONU uzwi nka Covax, uronsa urwo rukingo ibihugu bitishoboye.
Ikigo co mu Buhinde, Serum Institute, gifise uruhusha rwo gukora inkingo za AstraZeneca ariko leta y'Ubuhinde yarihebeye ububiko bwose bw'urwo rukingo mu gihe kwandura vyiyongera cane muri ico gihugu.
Bwana NKengasong yavuze yuko AU imaze kugirana amasezerano n'ikigo Johnson & Johnson, yo kuronswa inkingo imiriyoni 400.









