Covid-19: Ubufaransa, Ubudage n'Ubutaliyano vyahagarise urukingo rwa AstraZeneca

Ahavuye isanamu, EPA
Ubugage, Ubufaransa n'Ubutaliyano vyahagaritse itangwa ry'urukingo rwa Oxford-AstraZeneca, nyuma y'ivyagiye birashika i Buraya vyerekeye kuvurirana kw'amaraso (coagulation du sang).
Ivyo bihugu vyiyongeye ku bindi vyinshi bito vyo ku mugabane wa Buraya navyo vyahagaritse urwo rukingo mu buryo bwo kwiyubara mu gihe hakorwa isuzuma.
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara kw'isi, OMS, ryavuze yuko ata cemeza y'uko ivyo vyashitse biterwa n'urwo rukingo.
OMS yavuze yuko iriko irihweza amakuru yavuzwe ajanye n'urukingo, ngo ariko ni ivya nkenerwa cane yuko gutanga urukingo bibandanya.
OMS yongenyeko yuko ari vyiza gutohoza ingorane izo ari zo zose zishobora gushika.
Abahinga ku buziranenge ba OMS bazohura ejo kuwa kabiri baganire kuri urwo rukingo.
Ishirahamwe rya Buraya ry'ubuvuzi bw'imiti, EMA, rizohura kuri uwo munsi nyene rikaba rizogira ico rishikirije kuwa Kane. Ryavuze kandi yuko urwo rukingo rukwiye kubandanya kuroreshwa.
Ariko, abahinga bavuga yuko igitigiri c'ukuvurirana kw'amaraso cashikirijwe nyuma y'urukingo, ataho gitaniye n'igihora kiboneka mu bantu muri rusangi.
Abantu bashika imiriyoni 17 mu karere k'ishirahamwe rya Buraya hamwe no mu Bwongereza baramaze guhabwa urwo rukingo, ariko abari munsi ya 40 gusa nibo vyavuzwe ko bagize ikibazo c'ukuvurirana kw'amaraso, nk'uko vyavuzwe na AstraZeneca.
Hariko harafatwa izihe ngingo?
Ubushikiranganji bujejwe amagara mu Budage kuri uno wambere bwatangaje ko buhagaritse gutanga urukingo rwa Oxford-Astrazeneca ubu nyene, ku mpanuro z'ikigo Paul Ehrlich Institute (PEI), kijejwe ivy'inkingo mu gihugu.
Umushikiranganji ajejwe amagara Jens Spahn yagize ati: "Icabanjirije iyi ngingo ni amakuru y'ingorane zashitse ku mutsi ujana mu bwonko zitewe n'urukingo rwa AstraZeneca.
"Hafatiwe kuri ayo makuru mashasa, ikigo Paul Ehrlich Institute uno munsi casubiye kuvyihweza gica gitanga impanuro yo guhagarika uru rukingo, hagakorwa uwundi mwihwezo."
Yavuze ko iyo ngingo ata "mvo za politike" ziyiri inyuma. Yongeyeko ati "twese turazi neza ingaruka z'ingingo nk'iyi, kandi ntitwayifashe ku buryo bworoshe".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Haciye umwanya mutoyi, umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron, yavuze ko Ubufaransa buhagaritse uru rukingo gushika EMA itanze ayandi makuru.
Yagize ati: "Dufise intambwe dukurikiza zisanzwe, dukurikiza ivyo twerekwa n'ubumenyi hamwe n'abakozi bo mu gisata c'amagara bashoboye akazi cane, kandi tukabikorera hamwe nk'umugambi wa Buraya."
Ikigo c'Ubutariyano kigenzura imiti naco congeye ikiringo co kubuza kwinjiza urwo rukingo mu gihugu, naho nyene harindiriwe ingingo ya EMA.
Guhagarika ikoreshwa ry'uru rukingo bibaye nyuma y'ikiringo kiri munsi y'umunsi umwe Ubuholandi bugize uko nyene. Ingingo y'iki gihugu izoshika ku tariki 29 z'ukwa gatatu.












