Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya-Igiporisi: "Abinjiye bafise amanota menshi basaba ibidashoboka"
Umuvugizi w'igipolisi muri Kenya arashigikira igituma mu giporisi hinjizwa ababa bafise amanota make mu kurangiza amashure yisumbuye, kuko ababa bafise menshi "basaba ibidashoboka".
Charles Owino yabwiye television Citizen ko abaza bafise amanota menshi bitaho cane gutera imbere mu kazi gutyo ntibakore cane nka bagenzi babo baba baje bafise amanota make.
Yongeye ko ati: "Turagira ingorane iyo dukoresheje umupolisi uwariwe wese afise amanota yo kuva kuri C+ no kuduga…
"[abo] baca basubira kw'ishure, bakiga bakazana izindi mpamyabushobozi, bakagaruka bakubwira bati 'ubu rero ntitugishika gukorera ku rugero twahorako."
Owino avuga ko igihambaye ari ukwinjiza abantu bazi ubwenge, akavuga ko ivyo navyo bitava ku manota yo mw'ishure gusa.
"Uje ufise amanota meza …. hanyuma ntukore akazi, amanota yawe siyo azogukorera akazi, ni ukuvyumva, ukaduga amapete mu kazi wayakoreye."
Igipolisi ca Kenya kivugwa nka rumwe mu nzego za reta zirangwamwo ibiturire cane, abaporisi baco bakagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu.
Bamwe mu banyaKenya ivyo bavyegeka ku buryo iyinjizwa mu giporisi rigenda aho igihagararo c'umuntu kiza imbere y'amanota aba afise mw'ishure.
"[Kuba umuporisi] bisaba ibintu vyinshi, ntihakenerwa amanota menshi gusa" nk'uko Owino abivuga.