Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: monolith y'icuma y'amayobera yasambuwe n'isinzi ry'abantu
Inkingi y'icuma yari yabonetse atawuzi iyo ivuye ku mahwaniro y'amabarabara (rond-point) muri Republika ya Demokrasi ya Congo yasambuwe ku bwoba bw'amamuko yayo.
Abantu ku murwa mukuru Kinshasha bateye amabuye bongera baturira iyo nkingi y'inyabutatu yasa nk'izindi ''monolith' z'ivyuma zari zimaze kuboneka ahandi kw'isi mu mezi aheze.
Yari yatanguye gukwegakwega abaza kuhifatira amafoto, maze bitera ibihuha vyinshi ku mbuga hwaniro.
Banwe batinya ko ari ikintu kijanye na shetani canke cashizwe ngaho n'abantu bo ku yindi mibumbe (alliens) canke ko hari akagwi k'abantu bayihinze ku mvo zitazwi.
Serge Ifulu aba hafi y'aho iyi nkingi yabonetse i Kinshasa yabwiye itorokanirizo ry'amakuru Reuters ati
"Twavyutse tubona iyi nkingi ya nyabutatu"
Yongerako ati: "Vyadutangaje cane kuko ari nyabutatu tubona kenshi mu nkuru zivuga ku ba freemasons canke illuminati."
Havugwa vyinshi kuva iyo nkingi ibonetse ishinze ahitwa Bandal mu mpera z'indwi iheze, ariko vyarushirije kuri uyu wa gatatu.
Ababibonye bavuga ko abantu baba mu micungararo bayisambuye kugira barabe ikirimwo-vyagaragaye ko yari ifise umuheha, amabati akaba yari ari inyuma y'iforoma.
Umutegetsi wo muri ako karere Babylon Gaibene yabwiye BBC ko yarungitse bimwe mu vyavuye kuri iyo nkingi kugira abahinga bige amamuko yaco.
Yabeshuje ivyo yagirijwe na buramatari wa Kinshasa Gentity Ngobila ko ariwe yobazwa ivy'iyo ''monolith' y'akayoberabahinga.
Umuvugizi wa Ngobila yari yavuze ko umukuru w'ako karere yari yashatse gushusha imitwe abantu.
Si ubwa mbere inkingi nk'iyo zishusha abantu imitwe muri iyi myaka ya vuba na cane cane mu bakunda cinema za ''science fiction''.
Kuva mu mezi make ashize hari inkingi nk'izi zimaze kuboneka ahantu nko muri Calofornia, Romania na Turkiya, ni nyuma y'aho iya mbere ibonetse mu kwezi kwa 11 mu bugaragwa bwa Utah muri Amerika.
Zimwe muri monoliths zimaze kuboneka, inyuma y'iminsi mike zarabuze ntihamenyekane abazitwaye canke abazishinze n'impamvu yabo, ibi niko vyagenze no ku yabonetse ubwa mbere muri Utah.
Hari ibivugwa na bamwe bidafise ivyemezo ko izi nkingi zoba zishingwa n'ibiremwa vyo ku yindi mibumbe (aliens).
Gusa hari abavuze muri Amerika ko ari bakoze imwe yabonetse muri reta ya California, nk'uko bivugwa na New York Times.